ANNICK MURUNDIKAZI NDABANDANYA AKARANGA KU BURUNDI
ANNICK KABATESI yahisemwo kugarukira akaranga mu gukora impuzu y’igiti yasa n’iyazimanganye mu Burundi, ivyo akora arabicisha no mu ndiririmbo ziwe, kuko asanzwe ari n’umuririmvyi.
Annick Kabatesi yahisemwo akazina k’Ubuhizi « Murundikazi » kugira ntihagire uwuhava yibaza ko atari umurundikazi. Akiri mu mashuri mato mato, yasomye mu gitabo c’umunyeshure bakoresha bita DUSOME ku rupapuro rwa 35, aho handitse uko kera bakora impuzu y’igiti n’uko yambarwa. Annick avuga ko vyamugumye mu mutima gushika aho yiyumvira nawe gusubira ku karanga kaba Sogokuru ko gukora impuzu y’igiti.
UMVIRIZA AHO MUNSI UMUZIKI WA ANNICK MURUNDIKAZI YARIRIMVYE AHAYAGIZA IMPUZU ZIKORWA MUBITI AKABA YAWISE : " Twarashaza
===========================================================
Mu gukora impuzu y’igiti, Annick akoresha ibiti vyamye bikorwamwo impuzu z’ibiti kuva kera, navyo ni : imimanda, umuvumuvumu n’umuhororo. Agirako asaba ko ivyo biti vyokingirwa kuko bishikana kure Uburundi ku bijanye n’akaranga. Kubera ubumenyi ashiramwo haravamwo impuzu nziza cane. Annick ati :"Nzoteza imbere akaranga k’igihugu canje imyaka yose nzobaho, impuzu y’igiti ndayikunda cane." Avuga ko iruhande y’ubwiza impuzu y’igiti ifise, ayumvamwo akamoto ka basokuru.
Annick twamusanze aho yari yagiye guterera agacumu k’ubumwe mu giteramo co kugarukira ku bahuye n’impanuka y’imvura, igiteramo cariko kibera kuri Musée Vivant. Kuri uwo munsi yagiye ku ruhimbi rw’abaririmvyi "Podium" ajanye ururirimbo « twarashaza », ruvuga ibijanye n’inyambaro ya kera. Avuga ko urwo ruririmbo rwaje gushigikira akaranga k’impuzu y’igiti, kuko yasanze ivyo akora abicishije mu ndirimbo vyofasha benshi.
Uwo mwigeme amenyesha ko amaze kwitaba amahiganwa atari make yo mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, ajana n’abandi bigeme n’abahungu bambaye impuzu z’ibiti guhiganwa. Muri ayo mahiganwa, Annick amenyesha ko kenshi atwara ikibanza ca mbere mu bijanye n’akaranga.