ARIDOGERA BAMWE MU BAMENYESAHAMAKURU
Bamwe mu baririmvyi basaba abamenyeshamakuru bakora ivy’umuziki ko batoza baritwararika cane indirimbo z’abamaze gushika ku rwego rwo hejuru, ariko nyabuna nabo bagafashwa mu kumenyekanisha indirimbo zabo.
Ku bwa Thomasa Ndayishimiye bataziraLil Thomas, avuga ko bamwe mu bamenyeshamakuru barenganya abaririmvyi bamwe, aho womenga harimwo aka mwana wa mama. Ati :” hari abamenyeshamakuru bakengera abaririmvyi bato, canke bashasha mu mwuga”. Abisigura uku :” benshi muri bo ntibihutira kurondera amakuru y’abaririmvyi bato, niyo baje tukabaha ayo makuru kenshi turabahana n’imiziki yacu, ariko ntibayavuga canke izo ndirimbo ngo zivuzwe hama natwe tumenyekane”.
T- Max
Amenyesha ko mu myaka 3 amaze aririmba, afise indirimbo zitari nke kandi ko amaze no kuririmbana n ‘abaririmvyi bazwi cane nka T-Max, Erica n’abandi. Nta masanamu arakora, ariko yemeza ko mu minsi mike azoyasohora. Yaririmvye Tafakari, Nakwitaji, Abaganwa, n’izindi... arongerako kandi ko hamwe abamenyeshamakuru bo mutera intege yokwerekana ibintu bikomeye mu misi iza. Akorera indirimbo ziwe mu nzu y’imiziki Mayibobo Records iri mu Bwiza ibarabara rya 4.
Kur’ivyo, asaba abamenyeshamakuru bakora ivy’umuziki boba bafise ingeso nkizo, ko bokwikosora bakaza baravuza indirimbo zose , kuko izo zibika zari amagi.