Saturday, 2025-01-11, 5:18 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Section categories
My photos [240]
This section contains my personal photos.
My family [5]
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 NEWS BURUNDI ARTISTS 
Main » Photo album » My photos » FEMI DE J'ABAT AKOMEJE GUKORA IBIKORWA BIZAMURA !

FEMI DE J'ABAT AKOMEJE GUKORA IBIKORWA BIZAMURA !

Inararibonye mu muziki w’Uburundi, umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko vyari bikwiye ko abaririmvyi bateje imbere akaranga k’Uburundi muri kahise bwokwibukwa, kugira n’abariko barakure bazokwame babafatirako akarorero. Femi de J’Abat yiyemeje gutanguza "Fondation David NIKIZA" kugira abakunzi biwe n’abandi bose bashaka kumumenya bazokwame bamwibuka.

Mu buruhuko arimwo mu Burundi, umuririmvyi Femi de J’Abat asanzwe aba mu gihugu ca Norvege, yaragendeye umuryango w’umuhisi David NIKIZA, kugira bavugane ibijanye n’iciyumviro yagize co gutanguza "Fondation David NIKIZA". Umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko bibabaje kubona umuririmvyi aba rurangiranwa, ariko amaze gupfa ivyiwe bikaba biheze, mbere akanababazwa n’ukubona bamwe muri abo baririmvyi bapfa bakenye cane, indirimbo zabo zateye imbere zigasigara ziradandazwa. Inyuma y’iciyumviro c’ugutanguza "Fondation David NIKIZA", umuririmvyi Femi de J’Abat amenyesha ko azovugana n’inzego zibijejwe mu gihugu, asabe ko abaririmvyi babaye rurangiranwa bohora bakorerwa ivyibutso (statut), bongere bitirirwe n’amabarabara kugira amazina yabo ntiyibagiranwe. Umuryango w’umuhisi David NIKIZA umenyesha ko wakiranye umunezero ico ciyumviro c’ugutanguza "Fondation David NIKIZA", kuko wari waragerageje wonyene biranka, bagashimira umuririmvyi Femi de J’Abat yiyemeje kubafasha mu ntambwe za mbere.

Nk’uko biri mu vyipfuzo vy’umuririmvyi Femi de J’Abat, "Fondation David NIKIZA" izorongorwa n’umwe mu bavukanyi ba David NIKIZA, atowe n’umuryango wiwe, hakazoca hugururwa agasandugu kugira abakunzi b’uwo muririmvyi yitavye Imana baze baraterera ico bashoboye. N’ibiteramo vyo kwibuka uwo muririmvyo bizohora bitunganwa. Mu nama yahuje umuririmvyi Femi de J’Abat n’umuryango wa David NIKIZA, umuririmvyi Femi de J’Abat niwe yiyemeje kubaza ibisabwa kugira iyo Fondation ishobore gutangura. Tubamenyeshe abavukanyi ba David NIKIZA bose hamwe ari 16, abahungu 8 n’abakobwa 8. Muri abo bose abasigaye ni abahungu 4 n’abakobwa 4, aho mukumva ko uwo muryango wa David NIKIZA umaze kubura abana bane. Abari muri iyo nama yabahuje n’umuririmvyi Femi de J’Abat ni Jacquerine INAMAHORO, Jeanine NINGANZA, Grace NDAYISHIMIYE, Francine NIYONKURU, Marie Claire NIBIGIRA, hamwe na Nehemie NDAYIZEYE.

Umuryango w’umuririmvyi David NIKIZA ugasaba uwo wese yumva afise iciyumviro yoterera muri uwo mugambi ko yokwandikira mushiki wa David NIKIZA ariwe Jeanine NINGANZA kuri ninganza.jeanine@yahoo.fr canke akamuhamagara kuri (+257) 79426636
In real size 600x450 / 132.9Kb
6565 0 0.0

Added 2014-08-02 dutezeimbereumuziki

Total comments: 0
Name *:
Email *:
Code *:
Login form
Search
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2025Website builderuCoz