Umuririmvyi DADDY FACE munyuma yaho ashize amasanamu abiri ariyo
REAL LOVE na VANESSA kumugaragro akomejwe gukundwa cane gose n'abakunzi b'amasanamu y'umuziki w'uburundi bari mubihugu bitandukanye ,ubuho yagarutse kandi nakantu kumutse k'isanamu nshasha ije usumba izo ubuhinga budasanzwe aho yayise FOREVER , mukugaragaza urukundo akunda umukunzi wiwe Imana iheruka kumuha , akabirya ico mwamenya muri yo sanamu FOREVER ikaba irimwo umukunzi wiwe bariko barishimashima mubibanza bitandukanye yakoreyemwo isnamu FOREVER bakaba bayikoreye mugisagara gikuru c'igihugu ca LETA NZUZE UBUMWE ZA AMERICA benshi bazi kw'izina rya NEW YORK ,KWIRIKIRANA AMASHUSHO YAYO!
Uwo ubona amfashe ikintu mumaboko numwe mubariko baratunganya isanamu FOREVER izozanaye amashusho meza
Abo bakobwa babiri ubona bari kumwe na DADDY FACE nibo barangwa mw'isanamu FOREVER yiwe muguitamaba itambo zigenzweho eka nawe uzoshima uriko urirabira akabirya k'isanamu nshasha FOREVER
DADY FACE yahagaze rugabo mw'isanamu nshasha FOREVER
DADDY FACE kaba yashoboye kuganira n'ikinyamakuru cacu DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI akaba yabwiye aba fans biwe hamwe n'abakunzi b'amasanamu y'umuziki w'uburundi bwacu ko isanamu yiwe nshasha FOREVER iarangira kuruwu wa kababiri itariki 05/08/2014 ,ariko DADY FACE akaba atatumenyesheje umusi n'itariki isnamu FOREVER izoja ahabona mugashobora kuyira biciye kuri YOU TUBE canke kumboneshakure y'igihugu c'uburundi bwacu kimwe gusa akaba yarangije avuga ko bitazorenga kuno kwezi itaraja ahabona.
Mukurindira isnamu nshasha FOREVER ya DADDY FACE buraraba ino sanamu yiwe
yitwa REAL LOVE ikunzwe n'abatu benshi cane
Twaragerageje kuraba uko isanamu FOREVER iriko irakorwa twasanze izoza ifise ubuhinga budasnzwe kuko yakorewe ahantu hari ibibanza vyiza bizotuma izanana amashasho meza mw'isanamu. isanamu FOREVER ya DADDY FACE ikaba iriko iramfatwa amashusho n'umuhinyanyuzi rurangira mugufata amasnamu y'abaririmvyi n'abaririmvyikazi babarundi baba muri AMERICA anzwi kw'izina rya YOUNG PDK ,akaba ari umurundi.Tubibutse ko umuririmvyi DADDY FACE asanzwe aba mugihugu ca Leta Nzuze Ubumwe za America.
|