ABARIRIMVYI ( kazi ) MU BURUNDI BIYEMEJE GUMFASHA
BAMWE MUBARIRIMVYI MU BURUNDI B'UMUZIKI BIYEMEJE GUMFASHA ABANTU BAHUYE N'IMVURA ITAGIRA IZINA YAGUYE KW'IGENEKEREZO RYA 9 RUHUHUMA 2014 IGASIGA IKOZE IBARA RITAGIRA IGASIGA IHONEJE NEJE ABANTU BAKAHASIGA UBUZIMA EKA IKONONA N'IBINTU VYINSHI BITANDUKANYE , TUTIBAGIYE IGATWARA N'UBUZIMA BW'ABANTU BATARI BAKE.
ABARIRIMVYI ( KAZI ) mu Burundi baciye biyemeza y'uko kw'igenekerezo rya
13 NDAMUKIZA 2014 bagiye kuzokora igiteramo co gumfasha abanyagihugu basanzwe baba muri COMMUNE ya BUTERERE batwawe ababo n'IMVURA hamwe n'ivyabo , ABO BARIRIMVYI ( kazi ) BIYEMEJE GUMFASHA ABANYAGIHUGU BO MUBUTERERE ABO NABO SABANDI NI : RALLY JEO ,CHANY QUEEN , FRANCK G80 , MKOMBOZI , EMERY SUN , DJ PRINCE , PACI ETOIRE DU CENTRE , R.FLOW.
ABANDI BARIRIMVYI ( kazi ) bazokwifatanya ntabagenzi babo mugufasha abanyagihugu bo mubuterere mugiteramo NI:
- LE P[YGME
- WAWA VG MAN
- INKUBA
- BIG 7
- MANDOSIZO
- NEW DANCE
- FRIEND CHAP BYZ
- SILAS DAMALA
- TWICE BWZ
- MARKISS
- BIZOS
IGITERAMO BAKABA BASHISE DUFASHANYE SHOW , KIKAZOBERA AHITWA
BUTERERE KIYANGE KIKAZOTANGURA IGIHE C'ISAHA UMUNANI Z'UMUGOROBA
================= KIKAZORANGIRA GUSHIKA MUGITONDO AHO TURAVUGA Y'UKO ABO BARIRIMVYI ( kazi ) BAZORARA BARAKESHA HAMWE N'ABAKUNZI B'UMUZIKI MU BURUNDI BAZOBA BASHOBOYE KWISHIKIRA MUGITERAMO DUFASHANYE SHOW.
Kwinjira mugiteramo azoba ari amafaranga igihumbi y'amarundi ku mwana
( ENTRE ENFANT 1.000 Fbu )
Uwukuze azotanga amafaranga igihumbi n'amajana atanu y'amarundi ( ADULT 15.00 Fbu )
MUKUNZI W'UMUZIKI MU BURUNDI ITEGEREZE NEZA NGAHO KWIFOTO IRANGA IGITERAMO URABONA VYOSE UKO BITEGUWE NEZA NKUKO TWASHOBOYE KUBABWIRA BIMWE BIZOBA BIGIZE IGITERAMO DUFASHANYE KIJE GUFASHA UMUNYAGIHUGU YABUZE ABIWE N'IVYIWE MU MVURA ITAGIRA UKO TWOYIHA IZINA. YASIZE BESNHI MUMARIRA N'INZARA NGAHO MURI COMMUNE BUTERERE.