BIZOHERA GUTE HAGATI YA BIG FIZZO NaFOREVER LIVING
Nyuma yaho Big Fizzo Burundiano avuye mu Rwanda.
Ishirahamwe muzamakungu ryitwa FOREVER LIVING ryaciye rivyura urubanza bari bafitaniye aho kwigenekerezo rya 10 Nzero 2014 niho umuririmvyi Big Fizzo Burundiano yari yaronse umutahe umurengutsa muri SENTARE isubiramwo impanza. Ariko Big Fizzo Burundiano ntiyitavye urwo rubanza rwa Sentare isubiramwo imanza kumvo zitamenyekanye igituma atitaba urubanza rumurengutsa muri Sentare isubiramwo imanza. Sentare subiramwo impanza yaciye yungurunza urubanza mu ndwi iza tugiye gutangura azoba ari kumunsi wa mbere ( Lundi )
Amakuru twashoboye kuronka atubwira igituma Big Fizzo Burundiano arengutswa MURI Sentare isubiramwo imanza.
Big Fizzo Burundiano igituma arengutswa sikindi n'uko abakunzi biwe b'umuziki mu Burundi bononye ibintu bari mu Ntara ya Ngozi mu giteramo aho iryo shirahamwe muzamakungu FOREVER LIVING ariryo ryari ryamutumyeko Big Fizzo Burundiano mu giteramo ngaho i Ngozi.
Aho umuririmvyi Big Fizzo Burundiano yahatiwe kuja mu giteramo kandi yari yababwiye y'uko agwaye ariko abarongoye ishirahamwe FOREVER LIVING bobo bakavuga y'uko atagwaye kubera ngo bukeye bwaho bwico giteramo atitavye avuga y'uko agwaye , abarongoye FOREVER LIVING baciye ngo bamubona mu giteramo ca PRIMUSIC kandi akana ririmba. Ico ntico gituma Big Fizzo Burundiano arengutswa muri Sentare subiramwo impanza.
Ico nticogituma umuririmvyi Big Fizzo Burundiano afise umutahe umurengutsa muri Sentare subiramwo impanza.
MWITEGEREJE UKO IBINTU VYAGENZE UGERANIJE UBONA URUBANZA RUZORANGIRA GUTE ? REKA TURINDIRE SENTARE SUBIRAMWO IMPANZA UKO IZOCA URUBANZA RURI HAGATI Y'UMURIRIMVYI BIG FIZZO BURUNDIANO N'ISHIRAHAMWE MUZAMAKUNGU FOREVER LIVING.