ALIDA ati SINKUNDA IBINTU BIKOZWE NABI
Umuririmvyikazi ALIDA Baranyizigira avuga ko adakunda ibintu bikoze nabi ivyo akaba yabidushikirije munyuma yayo Umuziki Stay with me ukorewe nabi amasanamu hamwe n'ivyandiko.
Uwo muziki Stay with me yawufadikanije na SAT B
Nkuko mumaze iminsi mubona amasanamu y'umuziki Stay With me kuri Youtube aho kunango y'umuziki utanguye bandika SAT b ft Alida ,vyatumye umuririmvyikazi ALIDA agira isubirwamo y'amasanamu Stay with me.
ALIDA yaratubwiye igituma asubiramwo amasanamu y'ivyandiko y'umuziki Stay with me. ALIDA aravuga y'uko amasanamu ya Stay with me ya Mbere yari kuri Youtube ko yayakuyeko kubera amashusho( Image ). Yasa nabi.
Alida yaciye adusaba y'uko twohindura kuri Youtube yacu tugashirako amasanamu mashasha y'umuziki Stay with me ari agira kabiri.
Kuruhande rwacu ntitwatevye gukurako ayo masanamu y'umuziki Stay with me ya mbere bari barihenze gukora neza.
Turamenyesha ajejwe gukora ibikorwa nkibi vyacu ko nabo boshobora guhindura amasanamu ya mbere kuri Youtybe zabo.
Bagashirako amashasha ya kabiri y'umuziki Stay with me.
Ubishoye andikira umuririmvyikazi ALIDA kuri Facebook yiwe aheze aguhe amasanamu mashasha y'umuziki Stay with me by ALIDA ft SAT B, izina rya Facebook yiwe ni Alida Baranyizigira.
ALIDA ravuga y'uko vyamumfashe umwanya muremure Ashura amasanamu mashasha agira kabiri y'umuziki Stay with me kuri You tube hamwe no kuyishira k'umwanya mwiza ( avec un bon qualite). Avuga y'uko yari amaze iminsi ababaye kubera bari barihenze gukora neza amasanamu y'umuziki Stay with me.
ALIDA aranavuga ko umuririmvyi Sat B ariwe yihutse gushira k'umugaragaro amasanamu y'Umuziki Stay with me.
Ayo akaba ariyo amakuru washoboye guhabwa n'umuririmyikazi ALIDA BARANYIZIGIRA
Bakunzi b'umuziki gusa hari akagirane gatoya k'umuziki Stay with me. Bari banditse igihe umuziki utanguye gukina ivyandiko bitariyo bari banditse ngo Sat b ft Alida " Stay With me " ariko ubu bahinduye ni Alida ft Sat b " Stay with me "
Umuziki Stay with me uracari kuri Youtube wandika : " Stay with me by Alida ft Sat B "" uca uwubona.