DJ PRO & SAFIYA BARONSE IKIBONDO UMUNEZERO NIWOSE!
Imana iguma ihezagira abaririmvyi bacu mu Burundi uno munsi itariki 13 MYANDAGARO 2014 niho umuririmvyi DJ PRO hamwe n'umumfasha wiwe SAFIYA baronka ikibondo c'umwana w'umukobwa hari igihe c'isaha umunani z'umurango. Ico kibondo c'umwana wa DJ PRO hamwe na SAFIYA kibaba cavukiye mubitaro bikuru hano mugisagara ca Bujumbura benshi bazi kw'izina rya Clinic niho Imana yagushira kuri y'isi.
Ikinyamakuru cacu Duteze Imbere Umuziki mu Burundi kikaba gikejeje umuririmvyi DJ PRO HAMWE N'UMUMFASHA WIWE safiya IMANA igume ibahezagira eka irindi n'ikibondo cabo yabahaye.
Umuririmvyi DJ PRO arashimira Imana cane avuga ko ico yari yarayisavye mubuzima bwiwe kuva kera uno munsi yakimukoreye mukumuha umwana w'umwigeme mwiza yaciye amwita izaina rya FIFI.
Twobamenyesha ko umuririmvyi DJ PRO yari amaze iminsi itari mike asaba Imana umwana azomunezereza noneho yampumuhaye akaba afise umunezero udasanzwe gushika ubu aho wosanga DJ PRO umusanga ariko atamba bimwe bidasanzwe vyose akaba abikesha Imana kuba yamuhaye ikibondo ciza c'umwigeme kivutse itariki 13/07/2014.
RABA ISANAMU Y'UMURIRIMVYI DJ PRO IKOMEJE GUKUNDWA CANE GOSE.