Emelance Emy Yateye Iteka igihugu cacu Burundi
Igenekerezo rya 20 myandagaro 2011 niho abaririmvyi batandatu baduzibendera ry’ UBURUNDI i NAIROBI mu gihugu ca KENYA ,aho bari bagiye mu gice ca nyuma c’ihiganwa ryiswe EAST AFRICA MUSIC AWARD .Umwe mubagiye muriryo higanwa ariwe EMMELANCE EMMY NIWIZERE yabwiye GLM kw’ afise akanyamuneza kenshi kubona yaraye aserukiye igihugu ciwe c’amavukiro agatako akereka ibindi bihugu ko mu BURUNDI baririmba kandi neza.
Emelance Emy Niwizere amaze gushika murico gihugu ca Kenya yarakoze ibikora inka yaciye atahukana agashime ka mbere agakuye murico gihugu ca Kenya nyene.
Emelance Emy Niwizere amaze gushika murico gihugu ca Kenya yarakoze ibikora inka yaciye atahukana agashime ka mbere agakuye murico gihugu ca Kenya nyene.
Emelance Niwizere ntiyagarukirije ngaho yara bandanije atera iteka u Burundi yarongeye aserukira u Burundi muri BENIN mw’ihiganwa SICA hari igenekerezo rya 24 munyonyo 2012 imbere y'uko aja muri BENIN muri iryo higanwa yagiye abwiye abakunzi biwe n’abumuziki w’uburundi ko yizeye ko azotahukana ako gashimwe iryo akaba yabivugiye mu kiganiro JANDAJANDA gica kuri radio REMA FM.
Indirimbo yatumye atahukana ako gashimwe kagira kabiri yitwa "YAMBOGORERA ” yerekanywe ubwambere muriryo higanwa .
Emelance Emy Niwizere yavuye muri ryo higanwa atahukanye agashimwe kagira kabiri akaba yarateye iteka igihugu cacu. Akaba yaronye aravuga y'uko agiye kwitaho umuziki ujanye n’akaranga k’ UBURUNDI muntumbero yo gutez’imbere akaranga k’igihugu cacu c'i Burundi.