Friday, 2025-01-10, 11:03 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Section categories
My photos [240]
This section contains my personal photos.
My family [5]
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 NEWS BURUNDI ARTISTS 
Main » Photo album » My photos » FEMI DE J'ABAT YAHAYE ABANTU 200 IMFASHANYO

FEMI DE J'ABAT YAHAYE ABANTU 200 IMFASHANYO

Itariki 2 Myandagaro 2014 igihe mu Burundi bwose hahimbazwa umusi mukuru wahariwe ama Komine, umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi de j'Abat yari yashiriye imfashanyo Abatwa n'abandi bantaho nikora atari abatwa bo muri Zone Nyambuye Province ya Bujumbura rural hamwe nabo muri Komine Mutimbuzi bahuye na vya vyago vy'umwuzure w'amazi wahitana ibintu vyinshi hamwe n'ubuzima bw'abantu batari bake. Iyo mfashanyo yarigizwe n'udukarata two kwivurizako ikaba yarigenewe imiryango 200. Ikaba yatanzwe n'ishirahamwe VONECOVIC ryashinzwe n'umuririmvyi Femi de j'Abat akaba ari nawe ari icegera c'uwurirongoye umudagikazi Angela Iroegbu Schauer aba mugihugu c'Ubudagi. Abanyagihugu bakaba barashimiye cane umuririmvyi Femi de j'Abat hamwe n'ishirahamwe Vonecovic kuri iyo nfashanyo ibaha amahirwe yo kwivuza batarishe amahera menshi basanzwe badafise.

Tubibutse ko ibirori vyuwo musi vyari vyatewe iteka n'Umushingamateka yatowe muri iyo ntara ya Bujumbura rural nyakwubahwa Ezechiel NIBIGIRA , akaba yarafashe ijambo ryo gushimira umuririmvyi Femi de j'Abat n'ishirahamwe VONECOVIC kuri iyo nfashanyo kuri ba ntahonikora, akaba yabasavye kubungabunga neza ako ga karata kuko gafise akamaro kanini kandi atera akamo n'izindi mvukira za Bujumbura rural ziba hanze y'igihugu canke mu Burundi kwitaho gufasha abanyagihugu bo mu ntara yabo yasinzikajwe n'intambara.

Ishirahamwe VONECOVIC rikaba rimaze imyaka 10 rifasha ba ntahonikora bo mu ntara ya Bujumbura rural na canecane bo mu bwoko bw'Abatwa. Umuririmvyi Femi de J'Abat akaba yamenyesheje ikinyamakuru cacu DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI ko ashimira Imana cane kuvyo imaze kubashoboza muri myaka yose kandi ngo bafise umugambi wo gufasha n'abandi ba ntaho nikora bo mu zindi ntara uburyo ngo bubibakundiye. Agashimira abo bose babafata mu mugongo kugira ishirahamwe VONECOVIC rikomeze gutera imbere rishobore gufasha benshi.
In real size 960x720 / 99.6Kb
8758 0 0.0

Added 2014-08-21 dutezeimbereumuziki

Total comments: 0
Name *:
Email *:
Code *:
Login form
Search
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2025Website builderuCoz