HOPE NIWE YATSINDIYE TUSKER PROJECT SEASON 6
Bakunzi b'umuziki aho muva mwese mukagera mwarakoze cane gose kubona waritanze cane gose mugatora umuririmvyi HOPE vyatumye atahukana itsinzi mwihiganwa rya TUSKER PROJECT FAME 6 amajwi yanyu yatumye aha umuririmvyi HOPE yo gutsindira ihiganwa rya TUSKER PROJECT FAME 6 Rikaba ari iteka rikomeye ku gihugu cacu c'u Burundi.
Ivyo bitwereka ko abaririmvyi bacu bafise ubuhinga bukomeye k'umuziki wacu w'i Burundi HOPE akaba abaye umuririmvyi wa mbere iwacu mu Burundi atahukanye iryo higanwa rya TUSKER PROJECT abakunzi b'umuziki mwarakoze igikorwa gikomeye cane mugufata mumugongo umuririmvyi HOPE iyataba mwebwe umuririmvyi wacu HOPE navyo yari kwishoboza wenyene Hope arabashimira cane gose kubona mwarashoboye ku mutora agatahuka ihiganwa rya TUSKER PROJECT FAME SEASON 6
Umuririmvyi HOPE yaraye atsindiye TUSKER PROJECT FAME 6. Muri iryo higanwa HOPE akaba yatsindiye i Milion zitanu ( 5 MILOIN ) za mashilingi yama KENYA hamwe yongera atsindira umwaka umwe ( 1 ) wogusohora indirimbo ziwe ataco azoza aratanga kugira bamukorere indirimbo yiwe abashaka gusohora
Igihe muri TUSKER PROJECT FAME 6 bagomba gutangaza ivyavuyemwo mw'ijoro ryo kuri uwu wamungu iginekerezo rya 8 Kigarama 2013 vyaboneka cane ko umuririmvyi HOPE afise ubuhinga bukomeye cane gose kurusha abandi barikumwe mwihiganwa rya TUSKER PROJECT FAME 6 Hope yariyaje yazikenye biboneka ko yari yiteguriye ihiganwa aho yabiciye bigacika n'ukuntu yaririmba vyanezereje abantu bose baringaho bariko bararorera ihiganwa.
Uko ihiganwa ryagiye kurangira bacamanza ( Juge )bari bahagarikiye ihiganwa batangaza uwutahukanye iryo higanwa rya TUSKER PROJECT SEASON 6 bamanje guteranya amanota hama munyuma baca baratangaza uwushoboye gutahukana TUSKER PROJECT SEASON 6 uwaje mu kibanza ca mbere
1. HOPE ni we ari yandiye TUSKER PROJECT SEASON 6 , 2013
2. AMOS hamwe na JOSH
3. DAISY hamwe na HISIA