Friday, 2025-01-10, 5:45 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Section categories
My photos [240]
This section contains my personal photos.
My family [5]
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 NEWS BURUNDI ARTISTS 
Main » Photo album » My photos » Abaririmvyi barakwiye kumenya amategeko abagenga

Abaririmvyi barakwiye kumenya amategeko abagenga

Ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi « Amical des Musiciens du Burundi » rimenyesha ko imigenderanire rifitaniye n’abarihurikiyemwo imeze neza naho vyose bitera de.

Umuyobozi w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Bruno Simbavimbere batazira Member aravuga ko hari abaririmvyi bacibaza ko kuririmba ari kwiyumvira indirimbo hama ikaja mu mazu bazikoreramwo, canke kwari gutegura ibiteramo vyiza bimwe abantu bikugura bikaba biheze. Abagifise ivyumviro nk’ivyo baracari inyuma biturutse ku kutamenya. Bruno asanzwe ari n’umucuraranzi aririmba wa kera, arazi ibitari bike mu bihimbara canke bibabaza umuririmvyi. Mu bibabaza umuririvmyi harimwo kwibwa igikorwa mvabwenge umuntu aba yakoze. Ikibabaza gusumba naco ni kwumva indirimbo iriko isubirwamwo n’uwundi ata ruhusha abanje gusaba uwayikoze ubwa mbere.

Iyo nararibonye mu muziki w’Uburundi avuga akebura bamwe mu baririmvyi ko bomenya ubwa mbere amategeko akingira indirimbo zabo. Kuririmba bisanzwe ari ingabirano mvukanwa iyo ntaho ija, rero hasigara hakenewe kumenya amategeko azokingira iyo ngabirano. Ivyo abivuga mu gihe hari ikigo cagenewe gukingira ivyo umuririmvyi canke abakora ibikorwa mvambwenge. Ikigo « OBDA » (Office Burundais des Droits d’Auteurs) cakira abanyamyuga kikabafasha mu kwandika ivyo bakoze, akarorero umuririmvyi ashobora kwandikisha indirimbo yiwe, iyo nayo ikagira inomero yayo n’ibiyiranga ku buryo hagize uwuyigana vyoroha kumenya mweneyo. Member rero amenyeshako abo ryaje gufasha harimwo abasa nabataryitayeho. Kuri we vyerekana ko abo batabigira ari bamwe usanga baririmba batazi ico bariko bakora.

Ku kijanye n’ukuntu ishirahamwe rikurikirana abaririmvyi, amenyeshako ko bafise umunyeshirahamwe akunze kuba ari mu manama ategura ibiteramo akanabikurikirana. Uwo nawe Ni umuririmvyi Happy Famba. Muguheraheza Member asaba ko abaririmvyi bajana n’ibihe
478 0 0.0

Added 2013-12-05 dutezeimbereumuziki

Total comments: 0
Name *:
Email *:
Code *:
Login form
Search
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2025Website builderuCoz