I FEEL ALRIGHT YA ALIDA & OGOPA DJS VIDEOS IRAJE
Umuririmvyikazi rurangiranwa mu muziki w'uburundi bwacu abandanya akora neza eka akaba ari no muri JURY ya PRIMUSIC 2014 ALIDA BARANYIZIGIYE ejo kw'itariki 10/08/2014 azofata indege imushikana mugihugu kibanyi ca NAIROBI , KENYA igihe c'isaha indwi z'umurongo aho azoba agiye gukora isanamu nshasha y'umuziki wa ALBUM MAMALAND yitwa I feel alright aka zoyikorana na OGOPA DJS VIDEO.
Twobabwira ko umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIYE ubu yamaze kuronka MANAGER rurangiranwa arongeye inzu y'ubuhinyanyuzi AFRICAN SOUND RECORDS benshi bazi kw'izina rya TAKIS mpunumbero izotuma uwo muririmvyikazi ibikorwa akora vy'umuziki birushirizaho gutera imbere nkuko bimaze kuba ibikorwa bishimishije benshi cane gpose mu muziki w'uburundi bwacu.
Ikinyamakuru cacu DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI ca rashoboye kugirana ikiganiro n'umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIRA rurangiranwa mu muziki w'uburundi bwacu atwiganira ibikorwa bimujanye mu gihugu kibanyi NAIROBI , KENYA.
Aho twamubajije ngo mbega ALIDA BARANYIZIGIRA ko tumaze iminsi tubona wandika k'urubuga rwawe woba uriko urakora izindi Music zoba zigezehe?
ALIDA BARANYIZIGIYE aravuga ati: Indirimbo ndiko ndakora ziri muri Studio kandi zirimunzira.
Twabandanije ikiganiro cacu na ALIDA BARANYIZIGIRA tumubazako yoba yarasubiye i Kigali aho asanzwe ariyo aba n'abana biwe ko ariho yagiye gukorera ibikorwa vy'umuziki.
Umuririmvyikazi ALIDA BARANYIZIGIRA yaciye amera nk'uwuryohewe atwishura ati:" Hahaha nzokubwira mundwi iza mvuye Nairobi ngiranje gukorana na ogopa djs video ya I feel Alright.
Twarangije tumubwira ko tugiye kurindira ibikorwa agiye gukorera mugihugu ca NAIROBI , KENYA aho tuzoshobora kubamenyesha vyinshi avuyeyo na cane cane tukazoshobora ubereka ividewo nshasha I feel Alright agiye gukorana na OGAPA DJS VIDEO.
Mukunzi w'umuziki w'uburundi bwacu mukurindira ividewo nshashaI feel Alright. Izoza ikozwe mubuhinga bwanone bugezweho ba muraraba ividewo y'umuririmvyikazi ALDA BARANYIZIGIYE ikunzwe cane n'abantu benshi bari mubihugu bitandukanye ariyo Let it go nayo nyne ikozwe mubuhinga bwiza bugezweho.