MBEGA SMALL DOGG YOBA AFISE UBWOKO BWABATWA?
Small dogg le pygme yoba ari umutwa vyukuri nkuko aba fans biwe benshi bavyibaza???nyuma yo kwumva abakunzi benshi buwo mu raper aririmba ubuzima busanzwe buba muri societe,akaririmba apocalypse, akaba yandika amajambo menshi cane murayo harimwo ayagorana kwumvikana aho abakunzi biwe bibagora gufata kumutwe amajambo aririmba kubera aba asobetse.we asigura ati ko yigishiriza mumigani idahanitse mugabo ko bisaba kuba umukurikirana kugira ngo mujane we agatangaza ko aho ariho hafatiye ubuhanzi bwiwe kuk akora ivyo benshi badashobora.akarorero ni nkindirimbo yakoranye na WAWA avugati" ndumu voyoux,pocket down ipatalo irekera gushika kubirenge,ninjira ntadodoye nsuko nishakiye mubiro kwaso ndonderakazi..."twamubajije insiguro yatubwiye ko vyumvikana ko umubabaro abafise ari igichomeri kand bitari bikwiye murubwo buryo niko abivuga.
Tugeze kukibazo co kuba arumutwa yatwishuye ati"hahahaha jewe birantangaza kubona gushika nubu harabantu baciyumvira ko batandukanye nabandi bivuye kuruhu ivyo vyari ivyakera tugitegekwa tugahendwa ariko ubu umuntu wese akoresheje ubwenge yahawe nimana yotahura ko umuntu arumwe kwisi kuko twese tubabara kumwe,tugasonza kumwe,tukarira kumwe,tukava amaraso amwe,twese tugapfa.....sindi mubo bitwa abatwa kandi nabo nabantu nkanje vyari gushika nkabavukiramwo nkuko vyashitse sindahavukire kubwanje umuntu wese yumva arenganijwe nishira mukibanza ciwe nkumva ko nomuvugira ko naronse iyo mpano impembo nayo nihagera nzoyihabwa murakoze"abahora bibaza ko SMALL DOGG Yoba arumu pygme nkuko abivuga mwizina ryiwe mwumvise ko atarivyo.
Umviriza umuziki SMALL DOGG LE PYGME yakoranye na WAWA uheze wumve yamajambo yashoboye kubabwira mu muziki bakoze hamwe.