IGIKORWA CO GUFASHA ABAUZE ABABO MU BURUNDI/ AIME
UMURIRIMVYI AIME M.AHO ARIKO ARAKORA IGIKORWA CO GUMFASHA ABARUNDI BABUZE IVYABO N'ABABO IGIHE HARWA IMVURA ITEYE UBWOBA YATWAYE BENSHI UBUZIMA IRONGERA IRATWARA N'IBINTU VYINSH.
AIME M. akaba ariko arakora indirimbo yise " IMVURA" Aho amenyesha ko umuririmvyi ari wewese yumva ashaka ko yimfatanya nawe mu gukora iyo ndirimbo yise " IMVURA" ko yoterera amafaranga anga 200 dollar akavuga ko ayo mafaranga bazoba batanze ariyo azoca amfasha ababuze ivyabo ababo n'ivyabo murico gihe c'imvura catwaye vyinshi.
Gushika ubu umuririmvyi AIME M. amaze kuronka abaririmvyi bashika batandatu bemeye kwimfatanya na we mu kuririmba indirimbo " IMVURA " Ihoza ababuze ivyabo n'ababo bitumwe n'imvura tuazi ingene twoyita izina.
UMVIRIZA HANO AGACE GATOYA K'INDIRIMBO "IMVURA."
https://soundcloud.com/all-timerecordsstudios/imvura UHEJEJE KUMVIRIZA CUGARUKA NGAHA K'URUBUGA USOME IBIKWRIKIRA.
TWARASHOBOYE KURONDERA UMURIRIMVYI AIM M. tumubaza ukuntu ayo mafaranga ashika amadorare amajana abibiri ( 200$ ) uko uzobashikira abantu babuze ivyabo n'ababo.
AIME M. Yatwishuye ati"" abanyamakuru muburundi twacaguye bazoyabashikiriza kandi bizoba birri ahagaragara.""
Umuririmvyi AIME M. yarabandanije atuyagira icatumye agira iciyumviro nk'ico co gumfasha abuze ivyabo n'ababo bahitanwe n'imvura. Hariho ijambo yatubwiye ry'inkoramutima, AIME M. yagize ati:"" KANDI N'INTABWE DUTANGUYE YOGUSOROMA HANZE TUZANA MURUGO"" urwo rugo ntarwo surundi n'u BURUNDI.
Twobamenyesha y'uko umuririmvyi AIME M. ari mu migambi yo kuza mu Burundi aho ubu usanzwe aba mu gihugu ca LETA ZUNZ'UBUMWE ZA AMERICA.
AIME M. Yagize ati: Ubu turi mubitari bike, tutibagiye n'imigambi yogushika mu gihugu catwibarutse. aho hazoba ari mu kwezi ku munani uy'umwaka turimbo.
FRANCK.PRO yarabajije umuririmvyi AIME M. ati:"" Uratubwiye ko mukumunani uzogenda mu Burundi uzoba ugiye kuramukanya canke mu kazi kawe k'umuziki.Woshobora kudusigurira neza!""
AIME M. Twishuye ati :"" Mubisanzwe nzoba nje guteramisha abanyagihugu kuva kumazi kugera kumisozi, imigambi yose ntabwo iraja kumurongo mugabo tuzohera kubamaze iminsi baduserukira ngaho mu gihugu duhereze kuri sale iboneka twiyunge n'abahasanzwe nyene nka ba Mkombozi, Inarunyonga, Mr. Spol n'abandi, kugira dutangure kwereka n'abandi ko ibiririwe hamwe biryoha. kandi no kuririmbira kuri sale ahazobera Independence OFFICIAL Party, vyari mumigambi naho ubutumwa butaraboneka.""
Umuririmvyi AIME M. akaba murino minsi ariko arakora indirimbo zishika kuri zitatu arizo zizi: : IMVURA , UMVA, IGIHUGU CACU." izo nizo ndirimbo azoba ariko arakorera amasnamu mu minsi iza akazozishira kumugaragaro. AIME M. aramfise n'izindi ndirimbo nyinshi amaze gushira kumugaragaro ahariho iyo yise " LOVE NYOKO , GLORY n'izindi nyishi tukazoba tuzoza turazibashikiriza kugira mu bashe kuzimenya muri benshi cane gose.
IMWE MU MASANAMU Y'UMUZIKI WA AIME M.