INARUNYONGA ARANEGURA ABATANGA UBUSHIMWE MU MUZIKI
Umuririmvyikazi INARUNYONGA arababazwa cane kubona abajejwe gutunganya amahiganwa iyo barangije ayo mahiganwa bagomba gutanga ubushime ku ndirimbo ziba zarahiganwe mugihe boba baraba indirimbo zitagira akamaro nagato wumvirije amajambo azigize.
Inarunyonga bisa nuko afise akababaro kadasanzwe kuko ngo nivyumvikana ukuntu umuririmvyi ashobora kuririmba umuziki urimwo amajambo yingirakamaro , ahanura hama munyuma wa muziki yaririmba waja mwihiganwa ugahiganwa n'umuziki urimwo amajabo atubaka canke atakamaro arimwo, ihiganwa ryarangira ugasanga umuririmvyi yaririmvye umuziki urimwo ubutumwa buhanura hamwe n'amajambo ahunura ugasanga nagashimwe utahanye ariko waraba wa muziki ifise amajabmo adahanura canke ata kamaro afise ku muntu ba ariko arawumviriza ugaca utahana agashimwe , wa muririmvyi yaririmbo ibihanura agatahana ibiramare vyagashimwe.
Umva nawe mukunzi w'umuziki w'uburundi ivyo umuririmvyikazi INARUNYONGA anegura ku bantu batanga ubushimwe, uze gusoma neza urasanga uwo muririmvyikazi yavuze ukuri.
INARUNYONGA yagize ati:" Mbe mugutanga ubushimwe kundirimbo zabaririmvyi barabiki? mupfashe kwishura! ndatangara ingene twigora mukuririmba amajambo yakamaro kandi yigisha ariko ukabona indirimbo itagira akamaro ngo yatahukanye agashimwe.nk'indirimbo yanje suger dady mba narahawe agashimwe iyaba ari mubindi bihugu.AKarorero Felouz wo muri Tanzania yaririvye ninao yahawe ubushimwe bwinshi kubera iryandirimbo,haruwundi mu Rwanda yarirmivye nkirya yanje yahawe ubushimwe.ivyongaha iwacu nurudubi gusa.
Twobamenyesha ko uno muririmvyikazi INARUNYONGA asanzwe akunda cane gushikiriza ikimubakiye kumutima kuko abona yuko umuziki w'uburundi bwacu akora hamwe adahaguritse hakiri kare asemerere azohava asanga abaririmvyi n'abariorimvyikazi b'umuziki w'uburundi bwacu basigaye batagira agaciro mu kazi bakora ku muziki , twibaze yuko akokamo umuririmvyikazi INARUNYOGA ashoboye gutera abarongoye gutunganya amahiganwa y'indirimbo koboza barumviriza amajambo agize indrimbo mugihe uzosanga indrimbo zirimwo amajambo yubaka bazikumira mukuziha ubushimwe.