SATURA AMABAFLE BY SAT - B N'UMUZIKI MU NSHASHA !
Umuririmvyi Sat - B abandanya aryohera aba fans biwe nkuko yabo babwiye uno mwaka azobakorera ibiryohera gushika aho bazoshima cane.
Haheze iminsi itariki mike SAT - B ariko ariyumvira gukora Umuziki mu nshasha uje ukwikira Umuziki AKABEBA wiwe mu nshasha ataramara n'amezi menshi wakunzwe , ubu rero aje atavyorosha kuva ngo abantu benshi bamwita SATURA AMABAFLE ati ndaje ndabereke ko nshoboye gusatura amabafle mwitegurire gishasha canje c'umuziki mu nshasha ndiko ndakora ukaba witwa SATURA AMABAFLE mugiye kuzokumva uko ndayasatura vya danger.Satura amabafle n'indirimbo isara cane niyo igiye gusohoka mu mezi ari imbere
Nka jewe SAT - B ndakubaze mu fans wanje ushaka Umuziki SATURA AMABAFLE mu nshasha ndiko ndakora uzowushire ryari ahabona ?
Sat - B arasaba imbabazi aba fans biwe kuba atashoboye gutahukana agashimwe na kamwe mw'ihiganwa rya Top Ten Music Award 2014 ryaraye ribaye kuri Parquet.
Umuririmvyi Sat - B yasavye imbabazi aba fans biwe b'umuziki w'uburundi ababwira ati:sorry kuba fans banje bose nari naragerageje gukora caane uno mwaka ariko nibaza yuko atakirapfa kuko akazi karabandanya itegurire new song yitwa SATURA AMABAFLE ico bikoze ndizeye umunsi umwe gutahukana B E T award kuki M T V awards.
Mukunzi w'umuziki mu Burundi mukuba urarindira Umuziki mu nshasha w'umuririmvyi Sat - B akiriko arakora mube murimviriza Umuziki mu nshasha aheruka gushira kumugaragaro uka witwa AKABEBA ubu aka ariwo muziki wa Sat - B ugenzweho munyuma ya Videwo Nyandika.