INTAHE YA NEW JAY YAKORESHA AMADAYIMONI MU MUZIKI
Mukunzi w'umuziki mu Burundi mbega navyo waruzi ko umuririmvyi anshobora gukoresha imiti akaja mubamfumu eka agakoreshwa n'amadayimoni ariko wewe ukibaza ati urya muririmvyi ageze kugwego ruhambaye mu muziki w'uburundi kumbe akoresha imiti nkuko umuririmvyi SUGU JAY yayikoresheje ariko munyuma yasanze vyose ari ubusa imbere y'Imana.
Kuko ngo udafise Imana muvyo ukora vyose bizopfa ari ubusa gushika upfe..
UMVIRIZA NEW JAY AGARAGAZA ASHINGA INTAHE KO UMURIRIMVYI ASHOBORA GUKORESHA AMAROZI KUGIRA UMUZIKI WIWE UTERE IMBERE NKUKO YAYAKORESHA!
Umuririmvyi yamamaye cane mu muziki w'uburundi eka akagira intabwe inshimishije benshi bari bazi kw'iziana rya SUGU JAY, ariko ubu akaba yarashoboye kurokorwa n'Imana ahita aheba umuziki w'isi ahamagarwa n'Imana kugira ayikorere , gushika uno mwanya akaba yitwa
NEW JAY.
Idonido y'ukuntu ashinga Intahe kuvyamushikiye mu muziki wa kora.
NEW JAY ashinga intahe avuga ati: NAVUTSE 1983 MVUKIRA MUBUYENZI HAMA NAKURIYE MUBUYENZI NYENE JEWE NAVUTSE KUBAVYEYI BAFISE NATIONALITY ZIBIRI. PAPA WANJE YARAFISE DOUBLE NATIONALITY YARI CONGOLAIN RWANDAIN.
PAPA YARI UMU CONGO HAMA MAMAN YARI UMUNYARWANDA, ARIKO MAMAN WANJE YARI UMURUNDI JEWE NAVUKIYE MU BURUNDI RERO NAKURIYE NGAHA MU BURUNDI RERO NAKURIYE MU BUYENZI MUNYUMA NIHO TWIMUKIYE AHANDI NIZE PRIMAIRE MURI Q3 MU NGAGARA NIGA NO KURI JUMUHIYA MU BUYENZI , SECONDAIRE MU KINAMA NDANGIRIZA KURI LYCEE TECHNIQUE SAINT LUC , MAMA WANJE NAMUBUZE MURI 2001 HAMA PAPA WANJE NDAMUBURA MURI 2002 JE NDIPFUMVYI RERO.
UBUPFUMVYI BWANJE BWATUMYE NIMFUZA CANE KUGIRA ICO MFASHIJE ABO TUVUKANA. UBUPFUMVYI BWANJE BWATUMYE YUKO HARI CO NOKORA KUGIRA NSHOBOYE GUSHIGIKIRA ABO TUVUKANA.
NACIYE MBA UMURIRIMVYI MUKURIRIMBA KWANJE RERO NIBAJIJE YUKO HARI CO
NOKURAMWO KANDI NTARIFISE ESPRI UMWE NOGIRA ICO NKORA MUBUZIMA BWABO TUVUKANA NTICO MPINDUYE MUBUZIMA BWABO EXEMPLE NKUBAKA INZU BAKABA IWANJE IYO NSHAKA RERO URAZA KUMVA AHO YANJANYE.
HARIHO IGIHE URONDERA UKARONDERA NABI, JEWE RERO NTARONDEYE NABI NTICO GITUMA HARAHO NTAGEZE HATARI HEZA UBANDANYE UKWIRIKIRA URAZA KUMENYA IVYASHIKIYE GUSHIKA AHO NASHITSE KUGEZA AHO YESU YAGIYE AKAMINDURA.
NACA MURI TV WARABONA SUGU JAY N'UMWANA MWIZA ARIKO REKA NKUBWIRE IVYO NTABAMWO IVYO NACIYEMWO KUGIRA NGO UMENYE IVYAMEREKEZA MURUKO KURONDERA NOMURIKO GUSHAKISHA VISION YANJE INSHIKA.
UDAFISE IMANA RERO VISION YOSE IHINDUKA UBUSA CANKE VISION IKUJANA AHATARIHO.
REKA MUKANYA NKUBWIRE IVYO NACIYEMWO GUSHIKA AHO WARUNZI. AHA RERO NDAHAGEZE BURI MUNSI KUKO HARIHO IGIHE NIBUKA IYO NIBUTSE NKA CA MBABARA CANE ARIKO NAKUNDI NARABICIYEMWO REKA NDABIVUGE BIGUMFASHE BIVUMFASHE WEWE JEWE NKITANGURA MUSIC NUKURI NARI MUBANTU BAVUGA KO NAZOPFA NKORESHEJE UMUTI KOKO NARINARAVUZE KO ATAMUTI NZOKORESHA MURI MUSIC YANJE ARIKO UKO IMINSI YAGENDA NKABONA KO ATAKIVUYEMWO ABANTU BAKANCA BAZA KUBWIRA NGO URABONA NA MUZIKI WOKORA UDAKORESHEJE IMITI.
NDABIVUGA KUMUGARAGARO KUKO NIMFUZA KUGUFASHA WEWE ,NATANGUYE IBISANZWE NGENDA KUBAMFUMU BASABA NGO ZANA INKOKO NKATANGA INKOKO BAKABWIRA NGO URATANGA IBI URAGIRA IBI ARIKO MURI VYONYENE HACIYE HAMVAMWO IBINTU BITEYE UBWOBA CANE OH O.M.G IBINTU BITEYE UBWOBA , IBINTU BIREMEREYE CANE KUKO KIRETSE KO NATANGUYE GUKORESHA IYO MITI MITOMITO NACIYE NTANGURA GUKORESHA IMITI IKOMEYE KUKO HAGERA IGIHE KO NGENDA MURI CLUB ,KUGENDA MURI BOITE NJANYEYO AMADAYIMONI NZIKO NDIKUMWE N'UMUKOBWA ARI NITWABA TURIKUMWE YARI IDAYIMONI IZA KUMWINJIRAMWO SASITA Z'IJORO NKA CA NTAMBA N'IDAYIMONI KUGIRA NGO NSHIKIYE IZO OBJECTIF ZIWANJE CA MUNZIRA ZIDASHOBOKA NAHO NAKORESHA UMUTI SINASHIKIRA IVYO NIMFUZA.
SHETANI BURYA! BAVUZE KO SHETANI ATANDERO AFISE KUKO AKUGERESHA AHANTU WIYIBAGIRA WEWE NYENE UBWAWE UCA WIBAZA NGO JEWE NAKUNDI NAHO NOPFA ,ARIKO MPFE MFISE SUCCE NONE IZO SUCCE UFISE HANO KW'ISI WOMPFA UCA UJANA MPUMURIRO NIZIHE? ""
Bandanya urabe ino sanamu wumve vyinshi nkuko ushoboye kubisoma ngaho hejeuru.