DOYOGI MUYUMA YOHAGARIKA UMUZIKI IMYAKA 2YAGARUTSE
Umuririmvyi DOYOGI yari amaze imyaka ibiri ataririmba umuziki w'uburundi kumvo ansigura y'uko yariko araraba ingene umuziki w'uburundi wifasheakavuga yuko yariko aritegurira kuza atavyorosha mukuryohera aba fans biwe ngo bikaba vyatumye agira icirwa gikomeye cane , ubu agarutse azananye ingumvu zidasanzwe mugukora umuziki mu nshasha yitwa DON'T LEAVE ME akaba ari awukorana n'umuririmvyi SAT - B.
DOYIGI igihe yaganira n'ikinyamakuru cacu DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI akaba yatubwiye ko ari vyiza iyo ubonye igikorwa gitanguye kugenda nabi ubanza ukagihagarika kugira igitorere inyushu nziza niyo mpamvu yari yarahagaritse umuziki kugira arabe aho ubuhinga bwandi baririmvyi bagenzi aho bugera nawe aheze akore ibishimisha nkivyo abandi bakora, ati rero ubu ntagarutse kandi ngarutse nzananye ubuhinga n'ubukerebutsi budasnzwe mu muziki anje nkora kugira ngume nteza imbere igihugu canje mu muziki sinzogitetereze.
Twokumenyesha ko umuziki DON'T LEAVE ME azowushira kumugaragaro mu kwezi tugiye gutangura ku munani hakozoba ari itariki 11 MYANDAGARO 2014 , uno muziki ukaba uriko urahinyanyurwa n'umuhinyanyuzi LIZER CLASSIC , munzu yiwe y'umuhinyanguzi yitwa BUJA RECORDS imwe munzu zikomeye cane gose mu Burundi muguhinyanyura umuziki w'abaririmvyi n'abaririmvyikazi bacu mu BURUNDI.