ISANAMU Dance na sisi YATANGUYE GUKORWA
Umwaka uratanguye hashirwe mu ngiro bimwe abaririmvyi bo mu Burundi bagiye baremerera abakunzi babo, umurwi wa Question-G watanguye gukora amasanamu y’indirimbo zimwe zimwe.
Umurwi wa Question-G uratanguye gushira mu ngiro ivyo bemereye abakunzi babo. uyu mwaka bagira bawuguruze isanamu nshasha ku bw’abakunzi babo. Umurwi wa Question-G mu ndirimbo « Dance na Sisi », bati reka dukore isanamu ica ibibatsi. Muri urwo ruririmbo, Patient Matabaro ni we aririmba icitabirizo.
AYO MASANAMU AKABA ARIKO ARAHINYANYURWA N'UMUHINGA AKOMEYE ASANZWE AKORA MURI « Studio Video and Film Technology » le cristal », muzobona ivyiza vy’iryo sanamu.
Mu kurindira ko amasanamu ahera gukorwa hanyuma tukayabashikiriza, itegereze uko iyi sanamu y’ururirimbo « Bella na Shella »akoze.