Friday, 2025-01-10, 5:23 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Section categories
My photos [240]
This section contains my personal photos.
My family [5]
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 NEWS BURUNDI ARTISTS 
Main » Photo album » My photos » ITSINZI Y'UMUNEZERO

ITSINZI Y'UMUNEZERO

Umurwi Ministere Harvest Center Burundi warateguye wongera ushira mu ngiro igiteramo ca gakura ku civugo “Intsinzi y’umunezero”.

Ico giteramo cabaye ku muhingamo w’uyu wa gatanu itariki 18 Gitugutu 2013, mu nyubakwa y’amakoraniro bita ku Kazuba mu Kamege. Igiteramo categuwe mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyo yakoreye iyo Minisitere Harvest Center Burundi, aho babona cane iterambere risiga ubwenge mu myaka 12 bamaze bayishinze.

Iyo Ministere igizwe n’abantu 60 ifise abaririmvyi 32 bakomeye cane mu ndirimbo mpimbazamana. Bafise ibikoresho ndangakaranga na mvamahanga. Nk’uko umukuru wabo yabitumenyesheje imbere y’uko ibirori bitangura, Nshimirimana Christophe
yavuze ko hatumiwe abaririmvyi batandukanye nka David naho atahashitse, Appolinaire, Fortrand, Himbaza, Harvesters, n’abandi batari bake baje kuratira ijisho kuko inzu vyariko biberamwo yari yuzuye kandi mu kwinjira yari amahera y’amarundi 2000 gusa.

Ku rutonde rw’indirimbo z’uwo murwi harimwo : Uri ku ntebe, Inkomezi zanje, Himbazwa, Mana uhoraho, n’izindi z’abatumire, tutibagiye umurwi w’abatimbo Himbaza Drummer Team wabiciye biracika.

Igiteramo carangiye ari akanyamuneza ntangere n’amajwi menshi ahimbaza Imana. Abagiteguye naho bamwe bashitse bacerewe ababarindiriye batanguye kweraguza irya n’ino, nabo nyene baranezerejwe n’ukwo igiteramo cabo cagenze.
In real size 600x398 / 67.8Kb
502 0 0.0

Added 2013-11-17 dutezeimbereumuziki

Total comments: 0
Name *:
Email *:
Code *:
Login form
Search
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2025Website builderuCoz