Friday, 2025-01-10, 5:13 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Section categories
My photos [240]
This section contains my personal photos.
My family [5]
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 NEWS BURUNDI ARTISTS 
Main » Photo album » My photos » Menya vyinshi k'umuririmvyi Elly's Boy

Menya vyinshi k'umuririmvyi Elly's Boy

Bizimana Bienvenu n’umusore w’umurundi yakuriye mu gihugu ca Tanzania ari naho yatanguriye agahereza n’amashuri. Uwo ni umuririmvyi ageze kure cane haba mu vyiyumviro aririmba, eka n’umudiho abitangamwo. Azwi cane kw’izina rya Ellyz Boy. Yatanguye mu mwaka w’2001-2002 aho yagira ibiteramo mw’ikambi y’impunzi muri Tanzaniya.

Mu mwaka w’2010 niho yinjira mu nzu zikorerwamwo umuziki (Studio ) ubwa mbere. Ico gihe, yasohotse ahejeje gukora amajwi y’indirimbo ”Siwezi”, bukeye kabiri aza mu Burundi, Black Arthur amukorera amasanamu. Tumubajije icatumye iyo ndirimbo inyaruka gukorwa, yishura ko yayikoze afise umubabaro ku vyari bihejeje kumushikira, ku mwigeme bakundana. Ellyz Boy akunda kuririmba ivyamubayeko canke biba ku bandi, ivyo tubisanga mu ndirimbo nka ”Siwezi “,”Nari mu Mahanga”, “Diane” n’izindi, bimwe bita “inkuru y’ukuri”.

Abandanya avuga ko kuririmba ari ingabirano Imana yatanze mu muryango : Big Fizzo ni sewabo, Uncle crazy ni mukuru we, Mkombozi na we ni muvyara we. Kuba rero yakuriye mu muryango w’abaririmvyi, vyaramugiriye akamaro cane. Akarorero naho Fizzo yamutegetse gusubira i Tanzaniya kwiga, mu gihe wewe yarahevye amashuri kugira akore umuziki gusa. Ivyo arabishima cane kuko umuziki udakwiye wonyene, kwiga ari nkenerwa no kubaririmvyi.

Ubu bwavuba Ellyz na Terry West barasohora indirimbo yakozwe ku mudiho w’ibihugu vyo mu Burengero nka Nigeriya, izosohokera rimwe n’amasanamu ata gihindutse. Afise indirimbo nyinshi zakunzwe cane nka”Kingaingai”, “Mutoto wa Kigoma”, “Embe Dogo”…

Umuziki wiwe, awusohorera muri Gold Record, ukorwa na Rubanza J. Arangize akebura abandi kwitaho cane kwiga, kuko ubumenyi buva mu masomero bufasha no kuririmba.
579 0 1.0

Added 2013-11-17 dutezeimbereumuziki

Total comments: 0
Name *:
Email *:
Code *:
Login form
Search
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2025Website builderuCoz