NITEKA JIGI JIGIWE by HAPPY IGEZE MURI FRANCE
ISANAMU JIGI JIGIWE YA HAPPY FAMBA YARAYE YEKANWE KURI TV TRACE URBAN YO MUGIHUGU CA FRANCE AKABA ARI INTABWE N'ITEKA RIDASAZWE KU MUZIKI W'IGIHUGU C'UBURUNDI BWACU!
Bakunzi b'umuziki w'uburundi bwacu ibitangaza biguma bikoreka kubaririmvyi bacu mu BURUNDI wamuririmvyi akomeje kubonekerwa n'ibitangaza bisiga ubwenge ari we
HAPPY FAMBA yasanamu yiwe JIGI JIGIWE igeze mugihugu citwa FRANCE abazungu basigaye babanjuka mukiyitamba.
N'iteka ridasanzwe ku muziki w'uburundi bwacu, aho haraye habonetse imboneka rimwe ku muririmvyi w'umurundi uwari wese atariyiteze ko hariho ikintu co munezera nogutera intabwe idasanzwe , munyuma yaho umuririmvyi HAPPY FAMBA ashirize isanamu yiwe nziza cane ikomeje mukwerekanwa mumboneshakure ( TV ) z'ibihugu bitandukanye biri kw'isi yose , ubwa mbere isanamu JIGI JIGIWE yerekanwe kumboneshakure ya TANZANIA yitwa EATV 5 , ubu hoho vyakomeye kandi biramurenze HAPPY FAMBA kuko ngo navyo atahura neza kubona isanamu yiwe JIGI JIGIWE yaraye yerekanwe kumboneshakure TRACE URBAN iza mubibanza vya mbere kw'isi yose isanzwe ikorera mugihugu ca FRANCE.
Twarashoboye kugirana akaganiro gatoya n'umuririmvyi HAPPY FAMBA tumubaza ukuntu isanamu JIGI JIWE yashoboye kwerekanwa mugihugu ca FRANCE n'ukuntu abamenyeshamakuru bakora kuri yo mboneshakure TRACE ARBAN TV bayironse , umva nawe uraza gutangara ukuntu yatwishuye HAPPY FAMABA. HAPPY FAMBA ati:" Ndaryohewe gose sinumva uko nobinsigura kuko numva mfise akamwemwe kadasanzwe kuba ndiko ndatera intabwe nziza cane mu muziki w'igihugu canje c'uburundi , jewe naje mbona isanamu yanje JIGI JIGIWE ndayibona kuri TV TRACE URBAN yo muri FRANCE.""
Twamubajije ingene isanamu JIGI JIGIWE yoba yarashitse mugihugu ca FRANCE ikerekanwa kuri yo mboneshakure TRACE URBAN yatwishute ati:" NANJE KUBWANJE SINZI INGENE YASHITSE YO KUMBONESHAKURE NKURU YIGIHUGU C;UBUFARANSA NOVUGA KO BITANGAJE KURI JEWE CANE GOSE VYARASIZE UBWENGE SINIGEZE NDAYITANGA KUMUMENYESHAMAKURE WARIYA NUMWE.KIMWE GUSA vyanyeretse ko indoto zanje ziriko ziraba izukuri."
Umuririmvyi HAPPY FAMBA yasozeye atubwira ko kubona aguma atekerwa iteka n'imboneshakure zitandukanye ziri mubihugu bimaze gutera imbire yaciye avuga ko abakunzi b'umuziki w'uburundi mwese mwokwitegurira igiteramo kidasanzwe azogaragazamwo umunezero afise mukubaryohera mu miziki yiwe atibagiye nokubaryohera kw'isanamu
JIGI JIWE, ati igiteramo nivuba ngiye kuzobamenyesha itariki , umunsi kizoberako, nkaba ndangije nshimira Imana mukuguma intera iteka ridasanzwe.
RABA ISANAMU JIGI JIGIWE IKOMEJWE KWEREKANA INTABWE IDASANZWE MU MUZIKI W'UBURUNDI BWACU BIGATUMA UMURIRIMVYI HAPPY FAMBA ATERA ITEKA IGIHUGU CA MWIBARUTSE UBURUNDI BWACU.