PRIMUSIC 1/4 FINAL MU KIRUNDO AMARIRA YARI MENSHI
UMUNEZERO WARI MWINSHI KU BARIRIMVYI N'ABARIRIMVYIKAZI BASHOBOYE KURENGANA IGICE 1/4 FINAL MURI PRIMUSIC 2014 MU NTARA YA KIRUNDO , AKONGERA AKABA AMARIRA KU BARIRIMVYI N'ABARIRIMVYIKAZI BASHOBOYE KUTABANDANYA IHIGANWA RYA PRIMUSIC 2014 , BOSE HAMWE BARIKO BARAHIGANWA ARI 46.
Primusic 2014 yuno munsi mu ntara ya KIRUNDO vyari birenze cane gose uravye kumpanze zose z'abaririmvyi 46 bariko barahiganwa wabonako bose bafise ishaka yogukora neza kugira barengene 1/4 DE FINAL , ati ngo iryavuzwe riratashe muri 46 hashoboye gukerengana abaririmvyi 12 gusa ari bozoca babandanya 1/2 DE FINAL izobera mu ntara ya GITEGA.
Abaririmvyi 'abaririmvyikazi bose hamwe 12 bashoboye kubandnya ni Christian Ninteretse , Joe Christian batazira kiki , Kaze sosthène , Amissi jean , Edouin tren akiteretse , Levy Nshimirimana , Moise Butoyi , Gabriel Mujimbere , Olga Ntaganzwa , Jean Juinior Mugisha , Nshimirimana Methode , Aletha Irandagiye
Uyu munsi abaririmvyi n'abaririmvyikazi muri PRIMUSIC 2014 bari baje barikanuye biteye ubwoba , ati ngo harya iyo umuntu agize umunezo cake umubabaro arashobora kurira biteye ubwo nawe uganya! Rero uno munsi vyabaye mu ntara ya KIRUNDO aho umuririmvyi Joe Christian batazira kiki aho twashoboye kwibonera amaso kuyandi ariko ararira cane gose biteye ubwoba kubera yaramfise umunezero mwinshi udasanzwe kubona yashoboye kubanda aja mugice 1/2 Final.
Twokumenyesha ko ihiganwa PRIMUSIC 2014 rikibanya aho rizobandanyiriza mu ntara ya GITEGA mukuzohiganishwa abaririmvyi n'abaririmvyikazi 12 bose hamwe mugice 1/2 FINAL gishira icanyuma, rero rino higanwa rigeze aho riteye ubwoba ku muririmvyi canke umuririmvyikazi arisigayemwo ariko arahiganwa.