SAL - G ARASHIMIRA IMANA / NDAGUSHIMIRA By SAL - G
UMURIRIMVYI SAL - G MUNYUMA YAHO IAMANA IMUHAYE IKIBONDO C'UMWANA W'UMUKOBWA YAHISEMWO KURIRIMBA UMUZIKI ASHIMIRA IMANA KUVYO YAMUKOREYE KUVA AKIRI UMWANA KUGEZA N'UBU UMUHAYE UMWANA IKA MUHA N'UMUGORE ARI WO UMURIRIMVYIKAZI MISS ERICA.
SAL - G UMUZIKI YASHIZE INO MUNSI KW'ITARIKI 5 RUSAMA 2014 witwa NDAGUSHIMIRA aho aririmba avuga ati: harya kuba kuri y'isi biragoye , kubana nabo kw'isi biragoye ariko MANA yanjye warabishoboje. Kuva nkiri muto ntama muvyago ariko MANA wamye undinda ngera mubigero ncanja murukundo aba twakundana sinabiyumvamwo ntamba harageraho mpura n'umurondo ampa urukundo rutagira urugero ndamwiyumvamwo aranyiyumvamwo
NDAGUSHIMYE MANA NDAGUSHIMIYE MANA KUBA WARAMAYE UKWIHANGANA SINARINZI KO NTOHASHITSE. , MANA URADUHA KURAMBANA TUDAHEMANA
Twobamenyesha y'uko mur'uwo muziki wa SAL - G witwa NDAGUSHIMIYE harimwo amajambo menshi cane gose ashimira IMANA kuvyo yamukoreye kuva akiri umwana kugeza aje mubigero.
Mu muziki NDAGUSHIMIYE SAL - G ntiyibagiye umuvyeyi wa MISS ERICA ntaho atakiri kuri y'isi.SAL - G aririmba avuga ati:" R.I.P MAMAN ERICA WAGIYE UTABONYE AKUZUKURU KAWE YABA UGIHUMEKA WOBA UHIMBAWE.
TWOBAMENYESHA Y'UKO MU MINSI IZA TUGIYE KUZOBUMVISHA UWO MUZIKI MUSHASHA WA SAL - G WITWA NDAGUSHIMIYE. UZOKUMVIRIZE INGENE URIMWO AMAJAMBO AFISE UBUREMEYE KANDI BUHAMBAYE KUKO HARYA NI VYIZA GUSHIMIRA IMANA KUVYO YAGUKOREYE VYOSE BIBA IBIBI CANKE IVYIZA KUKO NTAWUNDI AKWIYE GUSHIMIRWA ATARI IMANA YO MW'IJURU DUSENGA