SAMANTHA ARASHIMIRA BIG FIZZO BURUNDIANO
Har'itariki 14/08/2014 niho ihiganwa Top Ten Music Award ritegurwa n'iradiyo BONESHA F.M ryarangira.
Umuririmvyikazi SAMANTHA akaba afise umunezero udasanzwe gushika n'ubu yatahukanye agashimwe mw'ihiganwa rya Top Ten Music Award 2014 mugihe yarafisemwo umuziki WHO YOU ARE yakoranye n'umuririmvyi BIG FIZZO BURUNDIANO .
SAMANTHA akaba yarashoboye gushimira cane BIG FIZZO BURUNDIANO igihe yarahejeje gutahukana agashimwe ka TOP TEN MUSIC AWARD 2014.Kuba BIG FIZZO yarashoboye kugira akigoro bagakorana umuziki WHO ARE YOU ?
SAMANTHA yamushimiye BIG FIZZO avuga ati:" URAKOZE NCUTI YANJE GIHANGANGE FIZZO SIMBONA ICO NOGUHA KUBA WARASHOBOYE KUMFASHA EKA NOGUKORANA UMUZIKI ( COLLABO ) NDAGUKUNDA KANDI IMANA IGUHEZAGIRE I , WAMAYE UMUNEZERO UDASANZE , BIRASHIMISHA.
Twobamenyesha ko umuririmvyikazi SAMANTHA atibagiye nogushimira DAVY CALME yashoboye gutunganya ihiganwa rya TOP TEN TUBE MUSIC AWARD 2014 yamushimiye avuga ngo DAVY CALME urafise ingabirano zidasanzwe yoguteza imbere umuririmvyi (kazi ) mugihe afise ubuhinga , urakoze cane gose wakoze igikorwa gihambaye Imana igihezagire.
SAMANTAHA akaba ariwe yabaye umuririmvyikazi w'umwaka mw'ihiganwa rya TOP TEN MUSIC AWARD mu mirwi y'umuziki wogukorana n'abandi barirmvyi canke abaririmvyikazi ( BEST COLLABO OF THE YEAR.2014 )