Umudiho wa Raggae, ushusha n’umurisho w’ingoma
Umudiho wa Raggae, ushusha n’umurisho w’ingoma. Abakunzi b’umuziki w’abaririmvyi babarundi baribaza igituma umudiho wa Reggae uvuzwa cane n’abaririmvyi bo mu ntara ya Gitega. Abaririmvyi bakubita uwo mudiho bo muri iyo ntara bobo ,barafise insiguro babiha.Umurwi inkebuzo uvuza mu mudiho wa Reggae, kandi barafise ico bazi kuri uwo mudiho.
Umurwi Inkebuzo ugizwe n’imisore n’inkumi bo mu ntara ya Gitega , Norbert arongoye umurwi inkebuzo avuga ko umudiho wa Reggae ari iragi ry’abasekuru kuko uwo mudiho ushusha n’umudiho w ‘ingoma.
Uwo na wo ntahandi watanguriye atari mu gishora mu ntara ya Gitega. Si ivyo gusa, intara ya gitega iri mu za mbere zifise ikigo c’urwaruka gifise ibikoresho vyo gutegurirako indirimbo zo muri uwo mudiho. Ivyo rero bifasha urwaruka rwaho kuronka aho bagirira imyimenyerezo yo kuvuza indirimbo, ivyo babikesha musitanteri wa komine Gitega. Umurwi Inkebuzo, urishima cane ku ntambwe bagezeko kuko umurwi wabo urikwije mu vy’ubuhinga, ariko barakeneye uwo basahiriza kugira bashobora gukora amasanamu y’indirimbo zimwe zo mu rukwirikirane rw’indirimbo 13 bafise.
Mu migambi y’umurwi Inkebuzo, ni kuzoza mu gisagara ca Bujumbura kwerekana umudiho wa Reggae, aho ugeze mu ntara ya Gitega kandi ngo aho si kera cane.