Monday, 2024-05-06, 2:36 PM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 MAGAZINE NEWS ALL STARS BURUNDI 
Main » 2014 » January » 2 » ALINE VYUKA ATI NI YESU WENYENE GUSA NTIRATAKO IBINDI VYOSE BIRAHERA ARIKO NTIRATIRA YESU
11:04 PM
ALINE VYUKA ATI NI YESU WENYENE GUSA NTIRATAKO IBINDI VYOSE BIRAHERA ARIKO NTIRATIRA YESU
Umuririmvyikazi Aline Vyuka asanze ari umwigeme asanzwe akora aba mugihugu ca Leta Zunze Ubumwe za America aho sanzwe akorerayo ibikorwa vyo kuririmba indirimbo zi himbaza Imana ( GOSPEL ) 


Mukiganiro twagiranye n'uwo muririmvyikazi Aline Vyuka yaratubwiye ukuntu yashoboye kwiyumva kuririmba hamwe n'ukuntu yatanguye kuririmba indimbo zi himbaza Imana  yatwiganiye uko:


Aline Vyuka ati Kuririmba ntabitanguye nkiri muto ntabitanguye aho nasengera  ngaho hari muri Tanzania maze gushika ngaha muri America hari muri bihumbi bibiri n'umunani  ntarabandanije nyene nja muri Korare ( Choir ) kwishuri ntigako aho hari muri Secondaire maze kuhava  muri secondaire ntaciye nja muri Universite ntagumye nyene muri Korare ( Choir ) ndirimba hama mu mwaka w'ibihumbi bibiri na Cumi na Kabiri niho  ntiyumvamwo nanje ko ntoshobora kuririmba ndumwe ntari mu murwi . 



Mu mwaka  w'ibihumbi biriri na Cumi na kabiriri mu kwezi kw'indwi niho ntatangura kuririmba indirimbo zanje ndumwe kandi indirimbo nije ndaziyandikira , indirimbo nije ndazirondera amajwi.


Twaramubajije Aline Vyuka ati : " Watanguye kuririmbira hehe ?


Aline Yuka yishuye ati: Uruza y'uko ukiri umwana  abavyeyi bawe ari bakristo  bagushira muri Korare ( Choir ). "" Jewe ntatanguye kuririmbira muri Korare ( Choir )  muri Tanzania mugabo aho ntihamwe muririmba mu murwi muri abana benshi. Kandi n'ishuri ntigako ritoyi nari umurongozi w'abana batoyi baririmba aho nyene kw'ishuri muri Tazania.

Maze gushika ino muri America umwuga wo kuririmba jewe nyene ubwaje ntawutanguye mu bihumbi bibiri na Cumi na Kabiri. Niho ntatangura kwiyumvamwo kumengo ntoshobora kuririmba nka (Single) ndumwe.


Niho ntatangura ngusohora Album y'iwanje. Album ya mbere ntayikoze mu bihumbi bibiri na Cumi na Kabiri niho yasohoka.

Imaze gusohoka Album yari Audio yo nyene , harimwo n'indirimbo ivuga ngo:<< NDAFISE ICO NTIRATA>> Album ya mbere ndayihejeje. 

 Album igira kabiri  ntaciye ndayisohora mu ntango y'umwaka w'ibihumbi bibiri na Cumi na Gatatu.


Twarabandanije tumubazi ati None Aline Vyuka  n'urwahe ruririmbo watanguriyeko kuririmba ?



ALINE VYUKA ati : Kugira ntishiremwo ibintu vyo kuririmba ndumwe ntavuze ati :<< NTABURYO MFISE BWOKUGIRA SHIMIRE IMANA CANKE NTANGAZE IBIKORWA VY'IMANA YANKOREYE , MURICO GIHE NDAVUGA ATI SHAKA KUBA UMURIRIMVYI. KANDI KUGIRA UBU UMURIRIMVYI WA GOSPEL BIRAGOYE CANE  KUBERA BISABA USABE IMANA IGUHE INKOMEZI ZOKUGIRANGO UKORE URWO RURIRIMBO , MAZE KUVYIYUMVAMWO CANE.>>

Ururirimbo rw mbere ntatanguriyeko rwitwa :<< Ico Ntirata>> 

Aline Vyuka ati isobnuro y'urwo ruririmbo ruvuga ngo : Ni Yesu wenyene gusa ntiratako ibindi vyose birahera ariko ntiratira Yesu.>> Ururirimbo maze kurusohora  maze kubona ukuntu rugenze urwo ruririmbo  niho gutangura kwiwanje kuririmba. Kandi indirimbo nyinshi ugiye urazumviriza n'indirimbo zo gushima Imana kubera ntibuka ivyo ntaciyemwo vyinshi nkaca nagaruka ndabisubiramwo mu ndirimbo ziwanje ntongera shimira Imana . Ico gihe niho Gospel Music ntayitanguriye.


ALINE VYUKAyarasobanuye igituma aririmba ibintu vya mushikiye agatuma aza abririmba mu ndirimbo ziwe zo guhimaza Imana . yagize ati: Nkaje ntakuriye munkambi  muri Tanzania vunze munkambi abantu baciye munkambi barazi ubuzima bwaho ukntu bumeze.Kubaho kwacu twabayeho kubera Imanakubera ahriho bamwe barakubitwa basohotse inkambi abandi bagafata nabi  nka bakobwa  canke aba mama bakuze bagafatwa kunguvu ivyo vyose nt'ibintu ntabona sivyashikiye vyaciye kubandi muga nanje ntari ngaho nyene mw'ikambi. Rero hariho n'igihe jewe ntaragwaye cane gushikaho vugati kweri jewe ubuzima bwiwanje sinzi uko buzogenda ariko maze gushika muri America ntarivujije ndakira barambarira n'gituma ntaguma ndwara. Kubera ndi muri Tanzania ntibatora indwara ingwaye rero vuga ngo noe ga MWmi jew nzoba uwande ndavuga ngo nzotangaza ibitangaza uko Mana kuko ibitangaza vyawe ni vyiza.


Muri ico gihe nkavuga ati uri kumwe n'Imana vyose biragenda neza ego hariho igihe c'umubabaro c'umunezero. Ariko umenye muri co gihe c'umubababaro Imana muba muri kumwe ntiba yakwibagiwe , uravye nko mu ndirimbo zanje ntaririmvye muri ALBUM ya kabiri nyinshi ntizihayagiza Imana ivyiza Imana ikora. Kandi harimwo ururirimbo ruvuga ngo << GUKUNDANA>> Ndavuga ati dukundane twese kuko Imana iravugango ko ntabakunze. Nico gituma ntavuze uko mururwo ruirimbo kubera Imana yaradukunze irungika umwana wayo araducungura iradukiza.

Ingorane twarimwo muri Tanzania  abantu benshi batazi ingene boshora kubitahura kubera ukuntu twari tubayeho.

Aline Vyuka yagumye twiganira ibanje na ALBUM ziwe uko arizibiri 

UMVIRIZA NGAHA IKIGANIRO COSE TWAGIRANYE NAWE ARAVUGA UKO MWOSHOBORA KURONKA ALBUM ZIWE









<!-- AddToAny BEGIN -->
<a class="a2a_dd" href="http://www.addtoany.com/share_save"><img src="http://static.addtoany.com/buttons/share_save_171_16.png" width="171" height="16" border="0" alt="Share"/></a>
<script type="text/javascript" src="//static.addtoany.com/menu/page.js"></script>
<!-- AddToAny END -->
Attachments: Image 1
Views: 743 | Added by: dutezeimbereumuziki
Login form
Search
Calendar
«  January 2014  »
SuMoTuWeThFrSa
   1234
567891011
12131415161718
19202122232425
262728293031
Entries archive
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2024Website builderuCoz