Friday, 2024-04-26, 2:11 PM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 MAGAZINE NEWS ALL STARS BURUNDI 
1 2 »
Views: 573 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2014-11-03

UMURIRIMVYI JIJI SEVEN YARI YARAMUTSE AGIRA ISABUKURU YA MAVUKO MEZA,AHO YARI AMFISE UMENEZERO MWISHINYI UDASANZWE KUBONA IMANA YARAMURINZE AGASHOBORA KANDI KURANGIZA UMWAKA ARI MUZIMA. ABAKUNZI B'UMUZIKI WIWE BARAMUKEJEJE BAMWIPFURIZA AMAVUKO MEZA EKA BAGENDA BAVUGA IVYIZA YABAKOREYE. 
JIJI SEVEN NTIYATANZWE NAWE KUBASHIMIRA KUVYO BASHOBOYE KUMWIPFURIZA KW'ISABUKURU YIWE Y'AMAVUKO MEZA.

AMAJAMBO JIJI SEVEN YANDITSE KURI FACEBOOK YIWE ABASHIMIRA NAYA NGAHA : 

Murugendo ndimwo hano mwisi ngana kundoto Imana yashize kumutima wanje, ndamaze guhura nibibazo vyinshi, sometimes bigashika nkumva ncitse intege,kandi nimbere ndaziko ibibazo bigihari,ariko Unomunsi nibuka ivuka ryanje natahuye ikindi kintu kinini caaane.kuva ejo mwijoro naronse ama message kuri fcbk,whatsap,viber,etc.. nama appel yabantu batandukanye kandi bari mubihugu bitandukanye,bamwe bambwira ukuntu indirimbo zanje zabafashije,abandi bakambwira amajambo nigez kubabwira maze agahindura uburyo biyumvira nuburyo baribabayeho,abandi bakambwira ukuntu ndaba inspira,etc... kuvyukuri ndavye ukuntu babimbwira na nombre yabantu babimbwira,numvise bindenz caaane, sinabitahura.Vyarampaye inguvu zokubandanya urugendo na cane cane kwumva ntinye Imana caane kandi ndayubashe.Ndashimiye caaaaa ... Read more »
Views: 438 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2014-02-08

KW'IGENEKEREZO RYA 15 RUHUHUMA UMURIRIMVYI LILL" P 
YARATUMIWE  KUMUNSI MUKURU WA BAKUNDA ARIWO 
BENSHI MUZI KW'IZINA RYA SAINT VALENTIN.  

AHO NTAHO SAHANDI LILL"P YATUMIWE  N'IGITERAMO  
GIKOMEYE CANE GOSE YATUMIWEMWO KIZOBA KIGIZNZWE 
N'ABARIRIMVYI BABARI BAKOMYE CANE GOSE MURI EAST 
AFRICA MUSIC ABO NABO S'ABANDI NI JOSE CAMELEONE 
HAMWE NA  AK 47 BOSE BAVA MU GIHUGU C'UBUGANDA.

TWOBABWIRA Y'UKO IGITERAMO KIZOBERA MU GIHUGU CA 
AUSTRALIA MUGISAGARA  GIKURU CITWA BRISBANE .

LILL'P AKABA ARIWE AZOKUGURURA ICO GITERAMO 
KUR'UWO MUNSI WA SAINT VALENTIN AKAZORIRIMBA 
INDIRIMBO ZIWE ARYOHERA ABAKUNZI BIWE. ICA TUMYE 
LILL'P ABA UMUTUMIRE MUR'ICO GITERAMO N'UKO ARIWE 
YABAYE UMURIRIMVYI WA MBERE NGAHO AUSTRALIA AKABA 
YABAYE BEST MALE ARTISTS 2014 .
Views: 459 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2014-02-01

Big Fizzo Burundiano asnzwe aba mu gihugu ca FRANCE

Fizzo nkuko akunze kuza kira mwaka uko utashe mu burundi aje kuraba incuti ziwe hamwe n'umuvyeyi wiwe akunda cane birakunda kuboneka y'uko aba afise akanyamuneza kenshi.


Biraboneka ko umunezero wari wose nkuko ubibona kuriyo shusho ( photo )
Attachments: Image 1
Views: 880 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2014-01-07

Umuririmvyikazi Aline Vyuka asanze ari umwigeme asanzwe akora aba mugihugu ca Leta Zunze Ubumwe za America aho sanzwe akorerayo ibikorwa vyo kuririmba indirimbo zi himbaza Imana ( GOSPEL ) 


Mukiganiro twagiranye n'uwo muririmvyikazi Aline Vyuka yaratubwiye ukuntu yashoboye kwiyumva kuririmba hamwe n'ukuntu yatanguye kuririmba indimbo zi himbaza Imana  yatwiganiye uko:


Aline Vyuka ati Kuririmba ntabitanguye nkiri muto ntabitanguye aho nasengera  ngaho hari muri Tanzania maze gushika ngaha muri America hari muri bihumbi bibiri n'umunani  ntarabandanije nyene nja muri Korare ( Choir ) kwishuri ntigako aho hari muri Secondaire maze kuhava  muri secondaire ntaciye nja muri Universite ntagumye nyene muri Korare ( Choir ) ndirimba hama mu mwaka w'ibihumbi bibiri na Cumi na Kabiri niho  ntiyumvamwo nanje ko ntoshobora kuririmba ndumwe ntari mu murwi . 
Attachments: Image 1
Views: 740 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2014-01-02

Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rurijukiye kugarukira akaranga k’Uburundi. Indirimbo, intambo n’ibindi bikorwa ndangakaranga bigombwa gusubizwa iteka, igihugu kigumane akamoto ka sogokuru. UmurwiYagamahoro uzobibutsa vyinshi mu giteramo babateguriye.


Igihugu kitagira akaranga ni nk’igiti kitagira imizi, ni nk’amazi atemba atagira isoko. Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rwihaye intumbero yo gukomeza akaranga ndanga  ... Read more »

Views: 456 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2013-12-27

Bimaze kuboneka ko umuririmvyi Big Fizzo na mugenzi wiwe Lolilo bafise impuzu z‘igisirikare bitabana ibiteramo. Abatari bake ntibabivugako co kimwe kumvo z’uko bitari bimenyerewe kubona umuririmvyi yambara impuzu y’intwazangabo z’igihugu mbere ifise n’amapete .
Mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, umuririmvyi Big Fizzo yaje yambaye impuzu z’igisoda bica bituma abakunzi biwe bavuga bati : "Noneho agiye yaba General nk’uko avyiyita !"


Mu giteramo ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, umuririmvyi Big Fizzo yaje yambaye impuzu z’igisoda bica bituma abakunzi biwe bavuga bati : "Noneho agiye yaba General nk’uko avyiyita !"

... Read more »

Attachments: Image 1 ·Image 2
Views: 1098 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2013-12-12

Umuririmvyi Big Fizzo ategekanya guhimbariza imisi mikuru isozera umwaka kumwe n’abakunzi biwe mu Burundi.
 Kandi na cane cane kumwe n’umuvyeyi wewe akunda cane, nyina yamwibarutse. Kuko Fizzo avugako arivyo bintu bimuhimbara kandi bikamunezara cane, uguhimbariza mu Burundi impande y’uwo muvyeyi. 
Mugani Désiré, umuririmvyi w’umuririmvyi azwi kw’izina ry’ubuhizi rya Big Fizzo, muri kino gihe ari mu gihugu c’Urwanda.
Aho ari rero akaba amenyeshako ategekanya guhimbariza imisi mikuru isozera umwaka kumwe n’abakunzi biwe mu Burundi. akavugako ka none anagomba kuyihimbariza impande y’umuvyeyi wiwe amuvyara, nyina yamwibarutse. Umuvyeyi akunda cane « Mama Mugani Désiré » nkuko yagize mu ndirimbo imwe yiwe ikiri mu zitarasaza.
Fizzo agira ati : « Ndakunda Uburundi igihugu canje. Ariko na none nkarushirizaho gukunda mama wanje yanyibarutse. Iyo nsangiye nabo imisi mikuru biranezereza cane ». Fizzo akaba aha ubutumwa abakunzi biwe bo mu Burundi ko azoba arikumwe nabo mu biteramo bizoba mu misi mikuru izozera umwaka.
Twobibutsako Big Fizzo asanzwe aba mu gihugu c’Ubufaransa, aho afise umugore n’umwana. No muri iki gihe ari mu Rwanda, yaje ava mu Bufaransa. Yiteze kuva mu gihugu mu Rwanda aja mu Burundi. Ariko hagati yaho akaba yakoranye indirimbo n’umuririmvyikazi w’umurundi Alida Baranyizigiye, asanzwe aba mu gihugu c’Urwanda muri kino gihe.
< ... Read more »
Views: 411 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2013-12-12

Mu muziki uwo ariwo wose, hama hariho umuririmvyi ariko na none n’uwuhinyanyura umuziki w’uwo muririmvyi. Uwo akaba ariwe bita "umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Mu ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi.

Urukurikirane rw’amakuru kuri uwo  Muhinyayuzi w’umuziki  mu Burundi.

Izina ryiwe ry’ukuri "Amir Pro” yitwa Mugisha Amir. Yavutse igenekerezo rya 21 Nzero 1987 mu Buraruko bw’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Muyinga. Se ni umurundi, nayo nyina yamuka mu gihugu ca Oman (muri Aziya). Ami ... Read more »

Attachments: Image 1
Views: 863 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2013-11-15

Dady Face akaba ari Umurundi aririmbira ivy'umuzki mu gihuga ca America  aho asazwe anakorera ibikorwa vy'umuziki wiwe.

Igihe twagira ikiganiro n'umuririmvyi Dady Face yarashoboye kutubwira vyinshi k'umuziki wiwe nivyo agiye gukora k'umuziki wiwe kugira ashimishe abakunzi biwe.


Uko twaganiriye  na Dady Face atubwira uvy'umuziki wiwe uko yatanguye kuririmba n'ibindi vyishi k'umuziki wiwe.


Attachments: Image 1
Views: 1279 | Added by: dutezeimbereumuziki | Date: 2013-11-09

1-10 11-13
Login form
Search
Calendar
«  April 2024  »
SuMoTuWeThFrSa
 123456
78910111213
14151617181920
21222324252627
282930
Entries archive
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2024Website builderuCoz