Monday, 2024-05-06, 8:56 PM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 MAGAZINE NEWS ALL STARS BURUNDI 
Main » 2013 » November » 9 » MBEGA DADY Face NI NDE? IKIGANIRO TWAGIRANYE NA DADY FACE
1:18 AM
MBEGA DADY Face NI NDE? IKIGANIRO TWAGIRANYE NA DADY FACE
Dady Face akaba ari Umurundi aririmbira ivy'umuzki mu gihuga ca America  aho asazwe anakorera ibikorwa vy'umuziki wiwe.

Igihe twagira ikiganiro n'umuririmvyi Dady Face yarashoboye kutubwira vyinshi k'umuziki wiwe nivyo agiye gukora k'umuziki wiwe kugira ashimishe abakunzi biwe.


Uko twaganiriye  na Dady Face atubwira uvy'umuziki wiwe uko yatanguye kuririmba n'ibindi vyishi k'umuziki wiwe.


Duteze Imbere Umuziki: Bite Dady!


Dady Face : Asha ni sawa. amakuru yanyu?

Duteze Imbere Umuziki: Amakuru yacu ni sawa, turafise ikibazo ca mbere twashaka kubabaza kwanza.Dady amazina yawe yose witwa Dady Face canke ahiriho ayandi mazina woba witwa?


Dady Face : Dady Face n'amatazirano. Amazina yanje y'ukuri nitwa  Manirampa Jean Desire.

Duteze Imbere Umuziki: Dady Watanguye umuziki ryari?

Dady Face : Aah Jewe igihe ntatangura umuziki ndashobora 
kuvuga natanguye umuziki  nkiri mutoya. Ariko sinari bwamenye kofite iyo ngabirano y'uko nzi kuririmba canke y'uko nzi kuvyina.Ariko natanguye kuza kuririmba nza ntigana indirimbo z'abandi z'abaririmvyi nyene bakomakomeye . Hama mu bihumbi bibiri na gatanu niho ntaciyenja muri Festival yabereye  Centre Jeune Kamenge aho ntari nkiri mu Burundi niho rero twandika indirimbo bijanye nivy'amahoro ndaririmba ndaronka ubushimwe ariko naho nyene sinari bwaronke amahirwe yo kuja muri Studio kurikodi (Record). Indirimbo za mbere na mbere zanje nagiye kuronka amahirwe yo kurikodi (Record) n'iyi Miss Mamtoni na Mama ntiyindi yitwa Real Love.


Duteze Imbere Umuziki : None Dady!

 Dady Face : Aah

Duteze Imbere Umuziki :twebwe mubisazwe  tuguma dukwirikirana indirimbo zawe tumaze kubona indirimbo zibiri za Video wasohoye amasanamu iya mbere ni Miss Mamtoni iya kabiri n'iyi wise Mama.None iyo igira gatatu iri hehe ko none atayo tubona canke uriko urayitegura canke bimeze gute?


Dady Face : Aah  iyi igira gatatu ndamaze kuyisohora Audio ntabwo ndayishira ahabona. Ariko ubu ndiko ndayitegurira Video mu minsi iri imbere bazoyibona Video yayo nzoyirekurira rimwe na Video.

Duteze Imbere Umuziki : OK! none Dady uravuze y'uko iyo ndirimbo umaze gusohora Audio yayo. None waramaze kuyishira ku mugaragaro ? Canke iyo Audio uracari urayitunganya neza kugira izosohokere rimwe na Video canke bimeze gute?

DadyFace :Yeah. Ndamaze kuyisohorera kuyitunganya neza ndarayiheje na Produce wanje aramaze kugira Metaling vyose Mixing Metaling  ariko rero gusa iracari muri Studio  sindayishira kumugaragaro hasigaye ko ndayisohorera Video.  

Duteze Imbere Umuziki : Ok! Dady uvuze y'uko watanguye umuziki mu bihumbi bibiri na kabiri canke mu bihumbi bibiri na kangahe ?

Dady Face : Mu bihumbi bibiri na gatanu.

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi: Mu bihumbi bibiri na gatanu uvuga y'uko wagiye muri Festival kuri Centre Jeune Kamenge.

Dady Face : Huh!

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi: None igihe waja muri Centre Jeune Kamenge hari mu mwaka w'ibihumbi bibiri na kangahe canke hari nyene mu mwaka w'ibihumbi bibiri na gatanu ? 
 
DadyFace: Hari  mu mwaka w'ibihumbi bibiri na gatanu. Niho ntaciye menyako fite ingabirano yo kwandika indirimbo. Kuko ico gihe igihe kwanza, Narisazwe nkunda Umuziki nkiri umwana mutoya.Ariko sinarinzi kofite ingabirano y'uko ntoshobora kwandika ururirimbo canke nka ririmba.Niho rero mu mwaka w'ibihumbi bibiri na gatanu niho Centre Jeune yategura Festival  baca baduha nka terme y'uko twogenda kuririmba ururirimbo rujanye ntivy'amahoro gusubiza hamwe kwa barurundi.kuko ico gihe mu myaka yahera urumva nyene mu burundi ivyahaciye rero twashaka rero guhuza imitima y'abantu isubire hamwe.  

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Dady ! Uravuze y'uko muri yo  Festival mwaririmvye ururirimbo nyene rw'amahororo. None urwo ruririmbo rw'amahoro mwagwise gute canke rwavuga gute izina ryarwo ni gute ?

Dady Face : Urwo ruririmbo rw'amahoro rwitwa DUKUNDANE


Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi: None muri iyo Festival mwabaye aba kangahe ? Mwarashoboye gutahukana agashimwe canke vyagenze  neza canke vyagenze nabi ?

Dady Face : Ico gihe ntibaraba uwa mbere canke uwa kabiri.Urumva twaririmbira hamwe kuko twagiranye ama repetition  ni Band iraho yitwa Rightward ico gihe ba Kaka Boney nibo baririmba muri zo Band ba Ado Mix  ubu asazwe  ari umu producteur mu Burundi akomeye  nibo bari basazwe baririmbamwo n'abandi nyene bakomakomeye ba Steven Sogo nibo batuvugiriza bass. Ico gihe nibo nyene twaririmbana ama repetition ntabonyene . Tuca tuja kuri Scene turaririmba hanyuma rero twebwe baca baduha ubushimwe twese. Ntibaharura uwa mbere canke uwa kabiri. Twararirimba gusa


Duteze Imbere Umuziki : Dady muri iy'iminsi Umuziki wawe ukunzwe cane,uvuzwa cane kuma Internet ,kuma You tube ,kuma Site y'abantu,kuma Radio yo mu Burundi ntahandi hatandukanye mu bice vyo ngaha mu Burundi. None iyo ndirimbo Mama washatse kuvuga iki? Iyo ndirimbo Mama kubera iki washoboye ku yiririmbira Mama wawe vyagenze gute ?

Dady Face : Aah! Ico gihe ntashoboye kuririmbira Mama wanje kubera namwe murabizi umuvyeyi n'umuntu  yibugenze amezi icenda agutwara mu nda yiwe araronka amagorwa menshi cane.Agaca mubintu vyinshi cane iyo bishitse aka kuvyara haragera, hakagera nyene igihe umwana agora umuvyeyi mugabo umuvyeyi aguma ari umuvyeyi gusa  akaguma aguhanura akakwereka inzira nziza akaguha nyene inyigisho nziza kugira nyene uzokure urumwana kugira nyene nawe uzogire ico ushikako mu buzima bwawe. Niyo mpamvu ntahisemo kuririmba irya ndirimbo. irya ndirimbo ntayiririmvye kugira shimire Mama wanje yamvyaye.

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi: Iyo ndirimbo nayo Miss Mamtoni washatse kuvuga iki?

Dady Face : Aah! Miss Mamtoni nayo ntukuvuga ngo kuvyerekeye umukobwa mwiza. Mamtoni ntikuvuga nyene w'i Buraya yavukiye hanze nko ngaha muri America mugabo rero ntashatse kuvuga nk'umukobwa ukuntu ndamubona ni Miss Mamtoni ni nkakurya ntari mu Burundi naho nyene guhiganwa ivy'ubumisi aca aboneka nk'umumisi avuye hanze atari umuntu asazwe.

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : OK! Dady mwoba mwvuye mu Burundi mu mwaka w'ibihumbi bibirintakangahe ?


Dady Face :  Aah! Jewe ntavuye mu Burundi mu bihumbi bibiri na gatandatu. Nja muri Tanzania. Muri tanzania ndahamarayo hamfi imyaka itatu. Mu bihumbi bibiri na cumi(2010)  ntaciye nza ino muri America.


Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : None muri America uko dusazwe tuzi y'uko hariho  abarundi benshi baririmba.None Umuziki ngaho w'i Burundi muri America ubona abarundi bongaho muri America  bawitayeho ku wumviriza canke ni bavyitayeho? Canke baguma biyumviriza za ndirimbo zaba Rihanna zaba Chris Brown hamwe naba Jay-Z canke wewe ubibona gute ngaho Umuziki wo mu Burundi ukuntu bawufata?

Dady Face : Aah! Mubisazwe Umuziki wo mu Burundi. Abararundi  kabisa  barawitaho neza kuko iyo umuntu asohoye ikntu gishasha biracitaho kukiraba ukabona kabisa ko abarundi kobariko barakunda umuziki wo mu Burundi. Nkiyo dugiye kuma Party  y'abarundi canke Party yaba ny'Africa baravuza Umuziki w'i Burundi ugasanga  ntibinu bituryohera cane.


Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Ehe Dady! Twebwe turagushimira cane gose irya ndirimbo yawe washoboye kuririmbira Mama wawe kugeza ubu n'indirimbo iriko irakundwa cane n'abantu benshi cane gose eka wakoze igikorwa gikomeye gose.

Dady Face : Murakoze!

Duteze Imbere Umuziki Mu BURUNDI : Dady none wewe uriko urategura Album y'indirimbo zawe canke ni gute? Canke izo Mama , Miss Mamtoni irimwo muri Album yawe uriko urakora canke Album yawe na yuragera y'uko gushobora  kuyikora?

Dady Face : Aah! Nivyo ivyobintu  muvuze nivyo ubuhu ndiko ndategura Album yanje shasha mugabo sindamenya indirimbo zoba zirimwo muri Album Yanje ariko iyo Mama na Miss Mamtoni niyo yindi Real Love izoba irimwo. Mubisazwe harya ntariko ndategura nyene hariho n'iyindi ndirimbo  ijanye n'abanyeporitike bo mu Burundi ndiko ndasohora yoyo izoba iri mu Kirundi.
Kuko n'igihe nasobora Miss Mamtoni niyo Mama ikwirikira abantu bbamwe bamwe aguma bibaza ko jewe ndi umuTanzania bakishiramwo ko jewe ntari umuRundi ndi umuTanzania. 
Niyo mpamvu abanwanyi banje bamwe bamwe basaba ko ntangura gusohora indirimbo ziKirundi kugira bamenye ko ndi Murundi ngaragaze ko nzi kirundi canje kandi inze ndashiramwo ibintu vy'akaranga kiwacu.
 Nivyo rero ngomba nkore mu minsi iri imbere  bazobibona
 biriko biraza


Duteze Imbere Umuzik Mu Burundi : Eheee Dady. kweri ivyo uvuze nivyo. Ivyo uvuze y'uko uririmba muririmi rwigiSwahili gusa kenshi urazi y'uko mu bBurundi sibenshi bumva igiswahili nivyiza naho nyene ko woza uragerageza ucishamwo indirimbo zi Kirurndi. Naho nyene bizogumfasha cane gose kuko amajambo uririmba muri zirya ndirimbo zawe uya ririmvye mu Kirundi.

Dady Fce : Uh!

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Aburundi bazogushimira eka kweri turakwimfuriza ko umuziki wawe wo guma uja utera uja imbere gose.

Dady Face : Murakoze cane gose kabisa,Hanyuma hakaba n'abandi bantu ahubwo ndiko ndaraba ngaha muri America ntabwo gusa ndiko ndaronka abanwanyi gusa babarundi canke abantu bava muri East African.
Ubufite abanwanyi benshi n'abanyamerica bamwe bamwe n'abanwanyi banje. Bamwe bamwe kuburyo bariko baransaba y'uko nsohorana nabo n'indirimbo zincongereza, niyo mpamvu ndiko ndaraba kruyo Albulm yanje y'uko nzocanga indimi nzoshiramwo incongereza hamwe ni Kirundi.

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Dady abastar bo mgaha mu burundi bariko barategura ibiteramo nk'akarorero turashobora kuvuga umuririmvyi akameye ngaha mu Burundi nka Big Fizzo. Big fizzo ari mu gihugu c'u Rwanda ariko aritegurira ibiteramo vyinshi. None ngaho  muri America muriko muri tegurira ibiteramo?

Dady Face : Yeah, ibiteramwo turiko turavyitegurira nkubu ndabwiye nk'itariki zi 6 z'ukwezi kw'11 turafite igiteramwo   hanyuma n'ikindi  giteramo dufite  mukwezi kw'12 ku minsi mikuru iriko iregereza. Aho tuzoba turi muri Washington Dix Ubutumire ntibwinshi n'ikindi giteramo tuzogira muri Man hakaba nuwu zoduhagarikira akaba yitwa Hakim Junior. Hakim Junior mbere benshi baramuzi cane yarigeze gumfasha  Farious yarigeze gumfa  T-Max bose hamwe ntuwahoze ari umu Productuer mu Burundi DJ Daddy tuzoba turi kumwe hariya muri Man.


Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi: Okay. Dady Face urakoze kukiganiro washoboye kuduha. Ico gusa twoguma tugutera akamo n'uko wobandanya ushishikara uririmba  umuziki uteza imbere umuziki w'i Kirundi.

Dady Face : Murakoze!

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Eka  turabona y'uko ufise kazoza mu minsi iri imbere uzogume uja imbere


Dady Face : Murakoze!

Duteze Imbere Umuziki Mu Burundi : Kenshi abaririmvyi iyobariko baririmba hariho abaririmvyi basha basha bariko baraza muribi bihe iyo bariko baririmba babonye bakuru babo batanguye kuririmba kuva kera kuririmba baca bacika inetege  ariko twogusba y'uko wewe woguma ukomeza uririmba .

Dady Face : Murakoze!

Duteze Imber Umuziki Mu Burundi : Sawa Dady ugire umunsi mwiza.

Dady Face : OK Murakoze! na mwebwe

Attachments: Image 1
Views: 1282 | Added by: dutezeimbereumuziki
Login form
Search
Calendar
«  November 2013  »
SuMoTuWeThFrSa
     12
3456789
10111213141516
17181920212223
24252627282930
Entries archive
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2024Website builderuCoz