Monday, 2024-05-06, 9:36 PM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 MAGAZINE NEWS ALL STARS BURUNDI 
Main » 2013 » November » 15 » “Amir Pro” dukunze kwumva mu ndirimbo nguyu uwo ari we
2:48 AM
“Amir Pro” dukunze kwumva mu ndirimbo nguyu uwo ari we
Mu muziki uwo ariwo wose, hama hariho umuririmvyi ariko na none n’uwuhinyanyura umuziki w’uwo muririmvyi. Uwo akaba ariwe bita "umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Mu ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi.

Urukurikirane rw’amakuru kuri uwo  Muhinyayuzi w’umuziki  mu Burundi.

Izina ryiwe ry’ukuri "Amir Pro” yitwa Mugisha Amir. Yavutse igenekerezo rya 21 Nzero 1987 mu Buraruko bw’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Muyinga. Se ni umurundi, nayo nyina yamuka mu gihugu ca Oman (muri Aziya). Amir yakuriye mu gisagara ca Bujumbura. Yatanguye amashuri matomato muri komine ya Ngagara, ikaritiye ya 3. Aho yarafise imyaka 6. Amashuri yisumbuye yayize kw’ishuri COMIBU (Communauté Islamique du Burundi) ryo muri komine Buyenzi. Igice ca kabiri c’amashuri yisumbuye yacize kw’ishuri ITELETIQUE aho yakurikiranye ivy’ubuhinga bwa none (informatique de maintenance). Aca aheza ico gisata mu mwaka w’2005.

Ibijanye no guhinyanyura umuziki vyatanguye mu mwaka w’2002. Aho yaratanguye igice ca 2 c’umashuri yisumbuye. "Natanguye nkinisha logiciel yo gukora umuziki Fruity Loops”, Amir akaba ariko yagize ikibazo co kumenya uko yatanguye ivyerekeye umuziki. Na cane cane uguhinyanyura umuziki. Ubuhinyanyuzi nyezina yaciye abutangura mu mwaka w’2006 mu nzu y’ubuhinyanyuzi "Studio One”. Amir yibuka intango yiwe agira ati :"Studio One ni aga studio gatoya natanguriyemwo kuri Avenue de l’Université ku gice ca Rohero”. Ururirimbo rwa mbere yahinyanyuye rwamenyekanye cane ni "Uramumbwirira” rw’umuririmvyi Yoya yakoze mu mwaka w’2006.


Amir Mugisha aramaze kuronka ubushimwe 3 buhabwa umuhinyanyuzi yakoze neza. Twokwibutsa ko ari we yakoze indirimbo "Reka ntahe” ya Rally Joe hamwe na "Urudubi” ya Mkombozi zose zatumye abo baririmvyi baja mu baririmvyi b’umwaka mw’ihiganwa Isanganiro Awards riba uko umwaka utashe. Uwo muhinyanyuzi yari no mu murwi utanga amanota mw’ihiganwa Primusic 2013, ndetse no mw’ihiganwa Isanganiro Awards.

Umuhinyanyuzi Amir Mugisha ni umusore akunda cane umuziki hamwe n’urukino rwa Judo. Yahoze ari n’umukinyi wa Judo. "Nsinkunda kuririmba ariko nkunda kwumviriza no gukorera abandi umuziki wabo”, Amir akaba ariko ataco yishuye tumubajije ko atarasohora indirimbo yiwe bwite.

Attachments: Image 1
Views: 866 | Added by: dutezeimbereumuziki
Login form
Search
Calendar
«  November 2013  »
SuMoTuWeThFrSa
     12
3456789
10111213141516
17181920212223
24252627282930
Entries archive
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2024Website builderuCoz