Tuesday, 2024-05-07, 3:42 AM
DUTEZE IMBERE UMUZIKI MU BURUNDI MainSign UpLogin
Welcome Guest | RSS
Site menu
Tag Board
Statistics

Total online: 1
Guests: 1
Users: 0
 MAGAZINE NEWS ALL STARS BURUNDI 
Main » 2013 » December » 27 » Umurwi Yagamahoro uzobibutsa akamoto ka sogokuru
6:39 AM
Umurwi Yagamahoro uzobibutsa akamoto ka sogokuru

Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rurijukiye kugarukira akaranga k’Uburundi. Indirimbo, intambo n’ibindi bikorwa ndangakaranga bigombwa gusubizwa iteka, igihugu kigumane akamoto ka sogokuru. UmurwiYagamahoro uzobibutsa vyinshi mu giteramo babateguriye.


Igihugu kitagira akaranga ni nk’igiti kitagira imizi, ni nk’amazi atemba atagira isoko. Urwaruka rwo mu ntara ya Gitega rwihaye intumbero yo gukomeza akaranga ndanga Burundi, rwarateguye igiteramo gifise akamoto k’ikirundi n’abarundi. Muri ico giteramo, imvyino, indirimbo eka n’intambo zitandukanye zizosamira. UmurwiYagamahoro wo mu Ntara ya Gitega, warabateguriye umugoroba wogusubiza itoto akaranga k’abasokuru.

Nduwayo Alex Dino, umwe mu rwaruka rugize uwo murwi, amenyeshako kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 29 Kigarama 2013, ku munsi w’Imana, igihe c’isaha cumi z’umuhingamo, za mvyino muhora mwumva mu manza zivuzwa mu ncamake, za ndirimbo zihora zica ku nsamirizi hagaca hahera iminsi abazikunda batazumva, kuri uwo munsi zizoronswa umwanya w’umurava.

Ahitwa k’Umuganuro mu gisagara ca Gitega, umurwi ugizwe n’abana bagera kuri 70, bazobatangaza ku ntambo nshasha n’imvyino nshasha babateguriye. Hagati aho, indirimbo zigera kuri 18 mwahora mwumva, muri zo ni nka « Agahore, Mpa rwarukombe, Mutama, Mbaye ndashima » n’izindi zizobica bicike.

Nduwayo abandanya amenyesha ko kwinjira muri ico giteramo n’amahera 2000 gusa y’amarundi. Asaba kandi ko uwo bishobora wese, yobafata mu mugongo muri iyo nzira yo kwegeranya urwaruka, hama rukinzizwa mu muco w’igihugu, ariko kuri uwo munsi w’igiteramo, uwuzogira ico atereye, azokwinjira ku mahera 5000, ni zindi ntererano zizokwakirwa.


Views: 459 | Added by: dutezeimbereumuziki
Login form
Search
Calendar
«  December 2013  »
SuMoTuWeThFrSa
1234567
891011121314
15161718192021
22232425262728
293031
Entries archive
Site friends
  • Create a free website
  • uCoz Community
  • uCoz Textbook
  • Video Tutorials
  • Official Templates Store
  • Best Websites Examples
  • Copyright MyCorp © 2024Website builderuCoz